Burundi : Coup d’état igira ibe, Évariste Ndayishimiye yoba atagiserukiye CNDDFDD mumatora.

Inyuma y’imisi ibiri gusa Général Major Évariste Ndayishimiye atowe ngo azokwitoze mukibanza c’umukuru w’igihugu, imbonerakure ziriko zirisuganya ngo zimwiyamirize guhera kur’uyu wa 28/01/2020.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako imbonerakure zamaze kwiyegeranya mu Kamenge mugisagara ca Bujumbura zikaba ziriko zirahagarika abarengana kugira bagire urugendo rwo kwiyamiriza Gnl Major Evariste Ndayishimiye aheruka gutorwa n’inama kaminuza y’umugambwe yabereye i Gitega kw’igenekerezo rya 26/01/2020 ngo azoserukire umugambwe CNDDFDD mumatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20/5/2020.

Igihe c’isaha 12h20 Petero Nkurunziza bikavugwako yaciye impande y’aho barundanye kugira basabe agumane igihugu, bamwe bati: « Evariste twaramwemeje hasigaye amatora gusa » abandi bati: « Mwanguha ahubwo Nkurunziza nagume kuri volant, Kirogorogo nta gihugu twomuha. »
Bikavugwako urugendo rw’Imbonerakure rugira ruve mu Kamenge impande ya Nyabagere batere bamanuka kuri Rond Point des Nations Unies ntawuzi ko babandanya hagati mugisagara ca Bujumbura.

Tubibutseko inkuru nkizo zigeze kuvugwa mu misi iheze ko no kuraswa hari abazoraswa kumaguru gurtyo Petero Nkurunziza ace afata igihugu nk’umwami.

Ivyo bikaba bije inyuma yaho benshi mubanyamugambwe CNDDFDD bari bamaze imisi biruhutsa kubona Petero Nkurunziza agira aze yava kubutegetsi.

Inkuru tubandanya tubakurikiranira.