#Burundi : Imbonerakure ziriko zirapfungwa kubwinshi.

Inyuma yaho urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi bita imbonerakure zine zo muntara ya Muyinga ziciriwe urubanza rwo guherayo na sentare kw’igenekerezo rya 8/10/2019 haramaze gupfungwa izindi mbonerakure zitari munsi y’indwi mu ntara za Bujumbura na Ruyigi zagirizwa gushaka kugandagura abantu.

Mugihe izo z’i Muyinga zagirizwa kwica abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na reta CNL mu mutego zari zagize mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 18 rishira 19 myandagaro 2019, izo mu Ruyigi zafashwe kuwakabiri nyene igenekezero rya 8/10/2019 zozo uko ari zitanu zagirizwa gushaka kugandagura umunyamabanga wa CNDDFDD mur’iyo ntara:


Nyawenda , « imbenerakure yiyemera mwene  Kabusosi » , Magereza avuka mu Kumoso akaba yakorera iperereza, Claude yakora muri REGIDESO avuka mu Cibitoke, uwacungera ubuzima bw’umushingamateka Claude Bikinamuci akaba yarahejeje amashure kuri EPM Gisuru, Haruna yarasanzwe akora muri COOPEC ari umushoferi  wa Antenne regional ya FENACOBU, bose bakaba bari imbonerakure.

Hari izindi zicungishijwe ijisho zidashobora kurengana intara ya Ruyigi nk’uko amasoko ry’amakuru y’ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.

Izindi mbonerakure zipfunzwe ni uwitwa Frédéric Masabo yaraye ashikanywe mw’ibihero rukuru rya Mpimba i Bujumbura kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9/10/2019 yagirizwa gushaka kwica umupolisikazi bita claudine batazira FOFO asanzwe afise umugabo w’umu komiseri mu Gipolisi bita Salomo akora kukibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye. Uwo nawe akaba yapfunganywe n’uwo bagirizwa hamwe ko bafadikanije icaha. Bikavugwako uwo Frédéric yarasanzwe atwara umugambwe CNDDFDD n’umutumba Gahahe yo muri zone rubirizi, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura yoba yahora akoreshwa n’iperereza mu kwica abantu.

Mu banyagihugu bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi ntibabona kumwe ivyo pfungwa ry’imbonerakure ririko riraba kubwisha. Bamwe bati boba bariko baronswa misiyo zo kurondera amakuru no kuzogandagura abapfunzwe batavuga rumwe n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi abandi bati kwoba ari ugupfa ibibanza kwoba kuru muri CNDDFDD aho hoba hari abakipfuza kwica abobabangamira mubibanza bashaka kwitorezamwo bagaca bakoresha imbonerakure mugihe hari n’abibazako kwoba ari ugushaka kwereka amakungu ko abagizi ba nabi bafatwa hatisunzwe ivyiyumviro vya politike.