Mw’ijoro rya 20 rishira 21 kigarama 2019, i Buganda mu ntara ya Cibitoke haraye hibwe idarapo y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, isanamu y’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye irasibanganywa n’abantu bataramenyekana.
Ivyo vyabaye mu gihe kundwi iheze uwo mugambwe wari wabanje kwankirwa kugira urugendo wari wateguye mu kayanza munyuma hakaba ibiganiro n’inzego zibijejwe urwo rugendo rukaruhira kuba.
Abarongoye uwo mugambwe bakabonako umugambwe wabo uriko uratotezwa mu gihugu bivugwako igihugu kiri muntwaro rusangi yemera imigambwe myinshi.