Abarundi bose bo mu bwoko bw’abatutsi batunze boba bagomba kwirukanwa mu Burundi n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDDFDD kuburyo inyuma y’amatora ya 2020 atanumwe azoba agifise ijambo.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga n’uko abagwizatunga n’abategetsi bo mubwoko bw’abatutsi boba bageramiwe n’ubutegetsi; bivugwako abagwizatunga bobo b’abatutsi iyo baramutse batsindiye amasoko akomakomeye(Imbonekarimwe) baca bimwa amafaranga yabo bahejeje ibikorwa ngo bagaterwa ubwoba ko babandanije kwishuza bazoca bicwa, abandi boba bafise amafaranga arenga imiriyoni zirenga amajana abiri (F200 000 000) murudandazwa rwabo ko boba baragabishijwe mw’ibanga ko boraba iyo bajana imitahe yabo atari mu Burundi « Ntakibanza mukihafise » uko abaciriwe agace babibwiwe.
Ivyo bikaza vyiyongera kuvyabaye mu misi iheze aho mu mugambwe CNDDFDD batoye abizigirwa batanu batanu ku mitumba yose yo mu Burundi, uwatorwa ari umututsi ngo ntibabura ico bitwaza mpaka bamukuyemwo nk’uko amakuru adishikira abishimangira aho bivugwako benshi bari batowe munyuma bagasanga babafuse kuntonde.
Tubamenyesheko abahinga bavugako ivyo gukenesha ubwoko bumwe ari intambwe imwe muzo gutegura ihonyambwoko: « Gukenesha ubwoko bagomba guhonya » uwundi nawe ati : »Ivyo uwo mugambwe uri ku butegetsi uriko urakora bizobagarukako batakiri kubutegetsi. »