Burundi : Amaso ya benshi ahanze i Gitega kukiza kuva mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri ku butegetsi ririko riraba.

Imbonerakure zose zazindutse zija kumigwa mikuru y’intara aho  bategerereye ikiza kuva mw’ikoraniro kaminuza ririko riraba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 i Gitega kumugwa mukuru wa politike w’uburundi.

Amakuru dukura i Gitega n’uko hatumiwe abaserukira imigambwe yabo mubihugu vya Kenya, Turquie na Cuba, abaserukira ibihugu vy’ubushinwa, Nigiriya, Kenya, Turkiya, ububirigi, ubufanransa, uburusiya, ubuswissi, Lybiya, Indonesiya, Mali, Côte d’Ivoire, Gabon, Soudan, Uganda, Afrika yepfo, reta zunze ubumwe za amerika, Tanzaniya, reta iharanira demokrasi ya Congo, ubudagi, ubwongereza, Pays bas, abaserukira amashirahamwe nka ONU, CIRGL, ubumwe bwa afrika, abaserukira imigambwe n’amashirahamwe yo mu burundi acuditse n’ubutegetsi.

Uwuserukira umugambwe CCM uri kubutegetsi muri Tanzaniya akaba ariwe yashikirije ijambo kw’izina ry’abatumire aho yamenyesheje ko umugambwe aserukira ushigikiye kandi ufashe mumugongo CNDDFDD.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ijambo abanza gusaba abaraho kwibuka abaguye kurugamba rwatanguye mumwaka wa 1994, urugamba yavuzeko rwari rwiza naho rwatwaye intwari nyinshi. Amenyeshako ivyo baje gukora imana yabirangije vyose.

Tubamenyesheko inyuma y’amajambo haza kuba umwanya abatari mubanyamugambwe 1700 bitavye ngo batore uwuzokwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu bahava bataramuka.

Mukurikirane Ikinyamakuru Itara  Burundi kuri www.itaraburundi.com turaza kubashikiriza uwuzoba yatowe ngo azokorere mungata Petero Nkurunziza.

Inyuma yo kumutangaza hategekanijwe imyiyerekano y’imbonerakure aho bivugwako bishitse hagatorwa uzo zitagomba zishobora guheraho zimwiyamiriza gurtyo haje uwo Petero Nkurunziza abonako azomworohereza, amaterefona y’abari gutora yose akazoba azimije kugira uwutangazwa atangazwe n’ababifitiye ububasha ?