Burundi : “Abatutsi bogereranywa n’agapira bakirina ku meza (Ping Pong) imigambwe y’abahutu iriko irateraterana.” Itangazo ry’umugambwe PARENA.

Mw’itangazo umugambwe w’imbogoraburundi PARENA washize ahabona kw’igenekerezo rya 04 ndamukiza 2020 usaba inama nshingamateka kwerekana aho uhagaze mukuvuga Ego canke Oya ko ibwirizwa nshingiro kugira rigire ububasha kandi ryemerwe ritegerezwa kwisunga itegeko N° 01/07 ryo kuwa 1 kigarama 2000 ryemeza amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi mu gihe cose iryo tegeko ritarafutwa.
Ku mpapuro zibiri, uwo mugambwe wabanje kuvugako ibwirizwa nshingiro ryo mumwaka wa 2005 ritari ryubahirije amasezerano ya Arusha arinaco catumye habaho ubwicanyi n’abahunga bagahunga kandiko iryarisubiriye ryo muri 2018 ryoryo rizohuhura n’ivyahuhuka.
Umugambwe PARENA usaba inama nshigamateka iriko irasasa mur’iyi misi kugira aho ihagaze nimba itegeko N° 01/07 ryo kuwa 1 kigarama 2000 ryemeza amasezerano ya Arusha y’amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi, ryoba rigikurikizwa narirya ibwirizwa nshingiro kugira rigire ububasha kandi ryemerwe ritegerezwa kwiryisinga.
Kubwa PARENA, uburundi busa n’ubwanduye umuvumo mu mwaka wa 1958 aho bwashikirwa n’amabi atari bwigeze abaho kuva uburundi bwabaho mu kijana ca 15 nk’uko abize ivy’akahise babivuga.
Uwo mugambwe wabandanije uvuga amatarike yaranzwe n’akaga ku Burundi:
“Mu mwaka wa 1961 amatora yambere yahuje Rwagasore na bavyarawe BIRORI na NTIDENDEREZA yabaviriyemwo kwicwa,
Mu mwaka wa 1965, habaye amatora hagati y’abashingamateka b’abahutu n’abatutsi bose bari mu mugambwe UPRONA, abahutu babonye batsinzwe baca bategura ubwicanyi bwo muri Bukeye na Busangana muntara ya Muramvya y’ubu imbere yo guhungira mu gihugu ca Tanzaniya.
Mu mwaka wa 1972 biba cokimwe no mu mwaka wa 1965 abahutu batera mubumanuko bw’uburundi bica abatutsi ingenda imbere yuko ubutegetsi bwica ibihumbi vy’abahutu igihugu cose mubwicanyi ndengerabutungane.
Mu mwaka wa 1993, habaye amatora hagati ya FRODEBU na UPRONA, bamwe biyita abahutu abandi abatutsi, hakurikiye ubwicanyi bwahitanye abatutsi igihugu cose inyuma y’urupfu rw’Umukuru w’igihugu Ndadaye n’abafasha biwe.
Ubu naho hariko haba uguhangana kutabuzemwo gukora amaraso hagati ya CNL na CNDDFDD aho bagirizanya uko umwe arenganye ko ari ivyitso y’abatutsi.”
Uwo mugambwe ukabonako “Abatutsi bogereranywa n’agapira bakirina ku meza (Ping Pong) imigambwe y’abahutu iriko irateraterana.”
PARENA ibwira batabizi mur’iryo tangazo ko amasezerano ya Arusha y’amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi yari yaje kutorera umuti burundu ubwicanyi bwose bwabaye hamaze kuza imigambwe ya politike mu mwaka wa 1958. Ukavugako abakwegeye uburundi ari abanditse ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005 hanyuma abanditse iryo mumwaka wa 2018 bakaza bavyunyura.
Uwo mugamwe urongowe n’umushingantahe Zénon Nimubona, uvugako n’iyo inama nshingamateka yica amatwi ntiyumvye akamo kawo, uzotumirira abantu bose kwiyumvira igituma abantu bota umwanya n’amafaranga baja mumatora ariko atsimbataza amacakubiri y’amoko kandi adashaka kuyatorera umuri, ukarangiza wongera gusaba abashingamateka kwicarira ico kibazo c’iryo tegeko ryategerezwa guha agaciro ibwirizwa nshingiro imbere yo kubandanya amatora.