Burundi: Umugwi CENI washikirije ivyavuye mumatora.

I Bujumbura kuri Hotel Club du Lac Tanganyika kuri uyu wambere igenekerezo rya 25 rusama 2020, umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washikirije ibiharuro mfatakibanza vy’amajwi yavuye mumatora y’umukuru w’igihugu be n’ay’abashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020.

Umugwi wigenga w’igihugu uraba amatora CENI urongowe na Pierre-Claver Kazihise, umenyeshako mu matora y’umukuru w’igihugu uwitoje mumugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi, Évariste Ndayishimiye ariwe yatahukanye intsinzi kumajwi 68,72, uwakabiri aba Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL n’amajwi 24,19% uwagatatu aba Gaston Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA n’amajwi 1,64%, uwakane aba Domitien Ndayizeye yahoze ari umukuru w’igihugu akaba yaserukiye urunani Kira Burundi n’amajwi 0,55%, uwagatanu aba Léonce Ngendakumana yaserukiye umugambwe FRODEBU n’amajwi 0,47%, uwagatandatu aba uwigenga Dieudonné Nahimana yaronse amajwi 0,42% hahereza uwigenga Francis Rohero yaronse amajwi 0,20%.


Kuvyerekeye amatora y’abashingamateka umugwi CENI umenyeshako umugambwe CNDDFDD ariwo waronse abashingamateka benshi ni kuvuga 72, umugambwe CNL 27 ubwanyuma umugambwe UPRONA waronse umushingamateka 1.

Umugambwe CNDDFDD watahukanye intsinzi ukaba utatevye gushimira imugwi CENI watunganije amatora hamwe n’abanyagihugu batoye. Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa ukaba wari waraye usohoye itangazo aho wamenyeshejeko abanywanyi bawo 3 bishwe, abarenga cumi baranyuruzwa baburwa irengero abarenga 300 bakaba barapfunzwe aho 200 bapfunzwe kumunsi w’amatora harimwo abariko bahagarika amatora kur’uwo wa 20 rusama 2020. Uwo mugambwe ugasaba irekurwa ry’abanywanyi bawo agagisabwe. Ukibona ivyavuye mumatora ukaba waciye uvyiyamiriza aho wavuzeko amajwi umugwi CENI wasomye ari irementanya ko atizewe baravye ukuntu amatora yatunganijwe agakorwamwo.

Imigambwa nka UPRONA na SAHWANYA FRODEBU ukaba yamaze gukeza Évariste Ndayishimiye yatowe nk’umukuru w’igihugu. Amajwi ntabanduka akazosomwa muntango z’ukwezi kwa ruhenshi 2020, uwo azoba umukuru w’igihugu akazorahira kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020.