Burundi: Abashingamateka batowe kuwa 20 rusama 2020

Kw’igenekerezo rya 25 rusama 2020, umugwi w’igihugu ujejwe amatora CENI warashikirije ibiharuro mfatakibaza vyavuye mumatora y’abashingamateka yabaye kuwa 20 rusama 2020.

Umugwi CENI washikirije igitigiri c’abashingamateka 100 batowe; umugambwe CNDDFDD ukaba waronsemwo intebe 72, CNL 27 hamwe na UPRONA 1.

Uwo mugwi ukaba waciye wongerako abatwa 3 hamwe n’abatutsi 21(abagabo 6 n’abagore 15) kugira ubwoko bwose buserukirwe. Igitigiri kikazoca kiba 124