Burundi : Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje intsinzi ya Gen Mjr Évariste Ndayishimiye.

Kur’uyu wa 04 ruhenshi 2020 sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yamenyeshejeko umugambwe CNDDFDD ariwo watsinze amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yo kuwa 20 rusama 2020

Mugihe kw’igenekerezo rya 25 rusama 2020 umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI wari washikirije ivyavuye mumatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka yabereye rimwe kuwa 20 rusama 2020 munyuma umukuru wawo Petero Claver Kazihise akamenyeshako ibiharuro vyashizwe ahabona bitariryo ko bitaribwatosorwe, kur’uyu wa 4 ruhenshi sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yemeje ivyo CENI yayishikirije.

Kubijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu, Gen Mjr Évariste Ndayishimiye yaserukiye umugambwe CNDDFDD niwe yatangajwe ko yatsinze amatora kumajwi 68% akurikirwa na Agathon Rwasa yaserukiye umugambwe CNL yaronse 24,42% hanyuma Sindimwo Gaston yaserukiye umugambwe UPRONA aronka amajwi 2,46%.

Mumatora y’abashingamateka, umugambwe CNDDFDD warose amajwi 68,70%, CNL 22,42% UPRONA nayo 3,43% ibibanza bica bigaburwa uku gukurikira:

Umugambwe CNDDFDD munama nshingamateka uhabwa intebe 86, umugambwe CNL uhabwa intebe 32, umugambwe UPRONA uronswa intebe 2 hanyuma ubwoko bw’abatwa buronka intebe 3. Mur’izo ntebe z’abashingamateka hari ivyo sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yakosoye nko kurenganura umupfasoni Cathy Kezimana yatanzwe n’umugambwe CNL yari yakuwe k’urutonde rw’abatowe inyuma yo gupfungwa azira ivyo yari yashikirije muri komine Mugongo Manga munyuka akarekurwa hamwe, Zena Ndayishimiye nawenyene yari yakuwe kurutonde bose bo mu ntara ya Bujumbura Rural na Pelate Niyonkuru yari yatowe muntara ya Kayanza.

Tubamenyesheko Gen Mjr Évariste Ndayishimiye azoca arahira kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020 akazoba afise ikiringo c’imyaka indwi hanyuma abashingamateka bakazoba bafise ikiringo c’imyaka itanu. Kandi ko umushingamateka Agathon Rwasa yari yamenyeshejeko sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro iramutse itemeje instinzi ya CNL nk’uko uwo mugambwe wari wituye iyo sentare umenyesha ko ariwo watsinze, azoca yitura sentare yo mukarere ka afrika y’ubuseruko aho amenyeshako amatora azoba yaribwe ariko atariwe azoba yibwe ko ari abanyagihugu batoye CNL bazoba bibwe.