Burundi : Inama nkenguzamateka yemeje amazina 18 y’abazoba ba buramatari b’intara.

Kur’uyu wa kane igenekezero rya 10 mukakaro 2020, amazina 18 harimwo abasoda n’abapolisi yemejwe n’inama nkenguzamateka kugira bazogenwe mumabanga yo kurongora intara mur’iyi reta nshasha iriko irashingwa.

Amazina y’abantu 18 yatanzwe n’umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yemejwe n’inama nkenguzamateka kugira bazogenwe mumabanga yo kurongora intara 18 zigize uburundi. Nabo n’aba:

  1. Bubanza: Nizigiyimana Cléophace
  2. Bujumbura : Nsengiyumva Désiré
  3. Bururi: Col Bandenzamaso Léonidas
  4. Cankuzo: Banyiyezako Boniface
  5. Cibitike: OPC1 Bizoza Carème
  6. Gitega: Manirambona Venant
  7. Karusi: Mbarushimana Carinie
  8. Kayanza: Col Cishahayo Rémy
  9. Kirundo: Hatungimana Albert
  10. Mairie ya Bujumbura : CP Hatungima a Jimmy
  11. Makamba: Ngozirazana Françoise
  12. Muramvya: Nzambimana Diomède
  13. Muyinga: Barutwanayo Jean Claude
  14. Mwaro: Col Gasanzwe Gaspard
  15. Ngozi: Baranyikwa Epipode
  16. Rumonge: Nitunga Consolateur
  17. Rutana: Nibitanga Olivier
  18. Ruyigi: Tabu Emmelanciene

Tubamenyesheko mur’izo ntara 18 zitanu zahawe kurongorwa n’abasoda n’abapilisi bafise amapete akomeye: Zibiri zihana urubibe n’urwanda Cibitoke yahawe umupolisi, Kayanza ihambwa umusoda, imwe ihana urubibe na reta iharanira demokrasi ya kongo ihambwa umupolisi ariyo Mairie ya Bujumbura, zibiri zizwiko zibamwo abatutsi benshi zihabwa abasoda arizo Mwaro na Bururi. Intara 3 kuri 18 zikaba zahawe abakenyezi arizo: Ruyigi, Makamba na Karusi.

Tubibutseko intara zaheruka kurongora n’abasoda n’abapolisi igihe igihugu cari muntambara n’igihe catwarwa n’umugambwe umwe, amasezerano ya Arusha ya 2000 akaba yaha abapfasoni 30% akongera akabuza inzego z’umutekano kwivanga muvya politike.