Burundi: Amatora y’abakenguza mateka

Abajenama b’amakomine bangana 3453 bazindutse baja gutora abakenguzamateka kur’uyu wa 20 mukakaro 2020 igihugu cose.
Nk’uko vyateguwe n’umugwi wigenga ujewe amatora CENI, ubicishije mumirwi CEPI, muntara yose hari ikibanza kimwe kigenewe kuberamwo ayo matora. Intara zose zikaba zatoye abakenguzamateka 36 ni ukuvuga, abatutsi 18 n’abahutu 18 bazotwara imyaka 5 nk’iyabashingamateka. Kuri abo hakazokwiyongerako abatwa 3 bose hamwe bakazoba 39.
Imigambwe 5 n’uwigenga umwe nibo baramutse bitabira amatora y’uno musi kw’igenekerezo rya 20 mukakaro 2020.
Umugambwe CNDDFDD ukaba ariwo ushobora kuba waronse abakenguzamateka benshi nk’uko biguma bivugwa hirya no hino mu gihugu.

Amatora yagenze neza muri rusangi kiretse muntara zimwe zimwe bivugwako habaye gushwana gukomeye mubatora n’abagagarikiye amatora nko mugisagara ca Bujumbura aho n’abagize ibiro vya CEPI biciyemwo imigwi.
Ico twobamenyesha n’uko Reveriyano Ndikuriyo yarasanzwe arongoye inama nkenguzamateka yasubiye kwizerwa atorwa muntara ya Makamba mugihe Pascal Nyabenda yahora arongoye inama nshingamateka yari yitoje muntara ya Bubanza atashoboye kwizemwa. Pascal Nyabenda akaba yari yahiganywe mumugambwe CNDDFDD mukibanza Évariste Ndayimiye yitojemwo ntiyizerwa ndetse n’uwo barikumwe Gabriel Nizigama wewe akaba amaze kuronswa amabanga akomeye mugihugu aho ariwe muhanuzi mwishikira mubiro vy’umukuru w’igihugu.