#Burundi : Igisirikare c’uburundi kiriyamiriza ingingo yo kugabanya abasirikare 1000 baco barungitswe muri Somaliya.

Mugihe hari urwandiko rumaze imisi ruhanahanwa ku mbuga ngurukana bumenyi rumenyeshako AMISOM igira igabanye abasirikare b’abarundi barungikwa muri Somariya kubashika igihumbi, igisirikare c’uburundi camenyeshejeko cabimenye aho ciyamiriza iyo ngingo.

Frolibert Biyereke avugira igisirikare c’uburundi amenyeshako  iyo ngingo yo kugabanya abasirikare ba AMISOM ariyo gushira mu ngiro ingingo yafatiwe munama y’umutekano y’ubumwe bwa Afrika yo kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018  kugira Somaliya izogire inzego zayo z’umutekano.

Akamenyeshako kuwa 28 ruhuhuma 2019 hogabanijwe  abasirikare 341 ariko bakaba baronse ikete ribasaba gukurayo abasirikare 1000 b’abarundi.

Arangiza itangazo ryiwe asaba ko iyo ngingo yofutwa.

Tubamenyesheko abasirikare bari mu Somaliya hazosigarayo igitigiri kitari gito kandiko kuva mu misi iheze abakeneye kuja muma konji batanguye kuza baririhira itike y’indege, bikavurwako reta y’uburundi ikura amafaranga Atari make kuyaragenewe abasirikare ikongera ikabategeka kuyavunjisha kugiciro ca banki nkuru y’igihugu aho ico giciro kiri muri munsi y’igiciro ayo mafara avujwako hanze ya banki aho n’ibiburiburi amafaranga amajana umunani y’amarundi kw’idorari rimwe aba agahombo kumusirikare.

Twobamenyesha kandi ko gushika ubu abaheruka guhembwa ukwezi kwa hafi baronkejwe ukwezi kw’umunani 2018 mu gihe himirije imisi mikuru irangiza umwaka, imiryango imwimwe yabo basirikare ikaba imenyeshako  itazoba ifise amafaranga narirya abagiye vuba bobo ataco baragera kubaza ku mishahara yabo.