Kw’igenekerezo rya 01 mukakaro 2019 uburundi buhimbaza imyaka 57 iheze bwikukiye, reta ya CNDDFDD yarahinduye ibintu vyinshi harimwo n’icivugo w’uburundi ; Ubumwe-Ibikorwa-Imajambere casubirijwe n’Umwami-Imana-Uburundi bikaba vyateye abatari bake kwibazako intwaro ya cami yoba igira igarukanwe mu Burundi.
Buca iryo genekerezo rishika harashikirijwe ijambo ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yamenyesheje ko amazina y’ibibanza bikomakomeye vyo mu gihugu yahindutse ndetse hitirirwa amazina y’abantu bahoze bahambaye mu Burundi inyubakwa zitarubakwa.
Uturorero twatanzwe akaba ikibuga c’umupira cahora citirirwa umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, incungu yo kwikukira kw’uburundi kuva ico gihe yitirirwa intwari ; Ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura citirirwa Melchior Ndadaye, incungu ya demokrasi ; amabarabara yari yitiriwe ihunduka ry’ubutegetsi nk’i ry’uwa 3 nyakanga ryibutsa igenekerezo Major Petero Buyoya yafatiyeko ubutegetsi rikaba ryahindutse iryitirwa umuhisi Adolphe Nshimirimana, irya 28 Munyonyo naryo ryari vyitiriwe igenekerezo Micombero yafata ubutegetsi ryitirirwa Umwami Mwezi Gisabo,….utwo n’utundi turorero yavuze tukaba ari duke nk’uko iryo jambo ryabivuga aho yamenyesheje ko hari umugwi ugiye kuvyiga ukazoshikiriza ibizoba vyakozwe mu kiringo c’amezi atatu ari imbere.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu akaba yamenyeshejeko abakoroni bagereranywa n’ibihume bihumeka muri aya majambo : « 17. Umuzo w’Abakoroni mbere Abarundi bo hambere bita ibihume bihumeka, wabereye akaziri n’akabi kabishe Uburundi n’Abarundi. Uburongozi bwiza bwashira imbere Ubutungane bwaratembagajwe, Umuryango soko ry’Iteka n’Itekane winjiranwa n’umuryano, Imico myiza yo gufatana mu nda no gusonera agateka ka zinamuntu ititurwa n’imico mibi y’uburyarya, agahotoro n’agacinyizo yazananye n’abakoroni. »
Umwami-Imana-Uburundi nticigeze kiba icivugo c’intwaro ya cami
Abatari bake barashikirije ivyumviro vyabo inyuma y’ivyashikirijwe na Petero Nkurunziza mw’ijambo y’urwo rubanza rwahimanje kuburyo budasanzwe.
Pacifique Nininahazwe, umwa mu baharanira agateka ka zina muntu hamwe n’umumenyeshamakuru Karayenga bashikirijeko ijambo rya Petero Nkurunziza ryari ryuzuyemwo ikinyoma vyinshi ndetse aho banavuzeko ko bimaramaje kubona umukuru w’igihugu atazi kahise k’igihugu atwara ; Kuvugako icivugo Umwami-Imana-Uburundi yavuze ko casubiriye Ubumwe-Ibikorwa-Imajambere kubera arico abami bakoresha ngo sivyo nagato ahubwo icivugo cakoreshwa ku ntwaro ya cami ngo cari : « Ganza sabwa. » ahubwo bakavugako ico civugo cari ic’umugambwe UPRONA washizeho.
Uko intwaro rusangi ishobora kubisikanya n’intwaro ya cami.
Nk’uko amakuru yo mw’ibanga dukura mu mugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD abitumenyesha, hariko harigwa ukuntu intwaro rusangi yofutwa ku mugaragaro hakagarukanwa intwaro ya cami kandi mu minsi mike, amatora ya 2020 atarinze gushika kuko bivugwako bitoba bigikunda bivanye n’uko amakungu n’abarundi batari bake bayahanze amaso kuburyo no kuyiba vyohava bigorana kandi babonako “kuyatsinda ntibizoshoboka kubera abarundi benshi barambiwe n’ubutegetsi bwacu.” nk’uko ayo makuru abivuga.
Hakaba hari impari zikomeye muri uwo mu gambwe zerekeye uwo mugambi w’intwaro ya cami aho bamwe babonako ahubwo hotunganywa amatora atarimwo Petero Nkurunziza abandi bakamenyeshako hako ava ku butegetsi bokwemera kugwana “mpaka uwanyuma apfuye”, arinabo boba bari kwisonga mugutegura iyimikwa ryiwe habanje guseseka amaraso:
« Tuzotumako imyiyerekano yo gusaba Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza ubugira kane hanyuma abaporisi n’abasirikare bakazoba bafise itegeko ryo gufata abahoze mu nzego z’umutekano za kera babagiriza kuba inyuma yavyo, bafate abategetsi bose batugwanya botubera intambamyi hamwe no kurasa ku maguru abantu bazoba bari mur’iyo myiyerekano, hace haba akajagari gurtyo rero Petero Nkurunziza nka sebarundi azoca amenyesha ko kuva ubu ahagaritse imigumuko yose, kuko Imana yamubwiyeko ataciswe umukuru w’igihugu ukundi ariko agiye kuba umwami w’uburundi.»
nk’uko isoko y’amakuru ryabandanije ribivuga.
Nk’uko amakuru ava muri uwo mugambwe CNDDFDD abivuga, bamwe mubatemera ko Petero Nkurunziza abandanya atwara uburundi boba baratanguye kwegeranya imikono y’abatamushigikiye mu gihugu cose aho uwanse gutera umukono kugwandiko rusaba Petero Nkurunziza guhagarika umugambi wo kwizingitira ku butegetsi yoba akubitwa agashaya, bikavugwako harimwo abasoda n’abapolisi ari nayo ntambamyi uwo mugambi wo kugarukana intwaro ya cami ufise kubw’isoko yayo makuru.
Tubibutseko imbere y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015 hari umugwi w’abanywanyi w’uwo mu gambwe CNDDFDD wegeranije imikono y’abatari bake babimubuza bikaba vyahavuye bibaviramwo guterwa ubwoba, bamwe barahunga kandi bari bafise intebe zihambaye mu gihugu abandi mu mugambwe.