Burundi: Abarundi uko bakiriye igenwa rya Evartiste Ndayishimiye ngo azokwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Général Major Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi yaraye agenywe n’umugambwe ejo kumusi w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 ngo azowuserukire mumatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20/5/2020, twabegeranirije ivyiyumviro vya bamwe n’abandi uko babona iyo ngingo.

Duhereye kuri Évariste Ndayishimiye ubwiwe yamenyesheje ahejeje gutorwa ko akivyumva yahatswe kugira ubwoba ariko aremeshwa n’ijambo bari bamaze imisi bigishwa ryo « kudatinya », kandiko imboneza yamaho mumugambwe izomuguma hafi, akaba yavuga Petero Nkurunziza. Yaravuzeko hari abazomuremeka inteba ishushe abandi bakavuga ayamuhe kuko ngo ibihe nk’ibi vyama vyagaragayeko hari abahemuka.

Ikindi yavuze n’uko ngo yaramaze kubona ibimenyetso bitari bike bimwerekako ashobora kuzoba umukuru w’igihugu akavuga nk’inuma yaheruka kugwa kumutwe w’umutambukanyi wiwe n’ukuntu ngo yabona yakirwa n’abanyagihugu muntara zitandukanye.

Kubwa Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu buca arangiza ikiringo, « imana yabirangije kera » akaba no mumasengesho arangiza umwaka wa 2019 yasenze asaba imana ko kw’igenekerezo rya 20/5/2020 abarundi batoja gutora ahubwo ko boja kwemeza gusa, inyigisho ndetse zigishwa n’umugambwe uri kubutegetsi aho uvugako bahejeje guhinyanyura hasigaye kwemeza gusa.

Abanyamugambwe CNDDFDD igihugu cose bakaba baciye bagorobeza bagira imyiyerekano(démonstration de forces) aho mubo twashoboye kwumva bavugako baryohewe n’uko inama nkuru y’umugambwe ibashikirije uwuzobaserukira mumatora atangorane zibaye, kur’ico hakaba hari abatari muri uwo mugambwe bavuzeko bibazako kabaye akaryo ko kwereka Petero Nkunziza ko yari yabarambiye, ataribo babonye aratanze ubutegetsi. Bakizerako hari ibigiye guhinduka kumbure.

Kuruhande rw’abari baragwanije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, urunani rwiswe « Halte au 3ème mandat » rwari ruhurikiwemwo n’imigambwe n’amashirahamwe birenga 300 kur’uyu w’Imana nyene igenekerezo rya 26/01/2020 rwari rusanzwe rukwiza imyaka itanu rwari rumaze rushinzwe kuko rwavutse kw’igenekerezo rya 26 nzero 2015 i Bujumbura. Rwarasohoye itangazo aho Vital Nshimirimana yanditse kw’izina ryarwo yavuze ko naho Petero Nkurunziza agiye kuva ku butegetsi hakiri vyinshi bigisigaye inyuma;

  • Gupfungura abapfungiwe ivya politike,
  • Kureka amaradiyo n’ibimenyeshamakuru vyigenga bigakora kumugaragaro,
  • Kureka amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique agakora mumwidegemvyo,
  • Gukura urwanko mumitima y’abarundi, kurandurana n’imizi umuhari w’inkorabara w’mbonerakure no gukura ibigwanisho mubanyagihugu,
  • Gutahukana impunzi,
  • Gusubizaho imigambwe igakora kumugaragaro yigenga,
  • Kureka ubutungane bukigenga,
  • Gusubiza iteka inzego z’umutekano zigasubira kwizerwa na bose.
  • Guhana inkozi z’ibibi zidengemvya.

Kubwa Pacifique Nininagazwe arongoye ishirahamwe FOCODE Évariste Ndayishimiye ntiyigeze avugwa mumabi yo gukora amaraso canke kurya ibiturire yaranze intwaro ya Petero Nkurunziza, akavugako Évariste Ndayishimiye yari muba généraux banditse ikete mumwaka wa 2014 biyamiriza ivyo Bunyoni na Adolphe Nshimirimana bakora.

Ivyo Pacifique Nininahazwe yanditse kuri twitter.

Abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe na CNDDFDD bamenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko batomboye kubona Évariste Ndayishimiye ariwe atowe ngo azohiganwe na Rwasa Aghaton bakamenyeshako intsinzi bamaze kuyizera kubera ngo Évariste Ndayishimiye « ntanguvu afise zo guhangana n’abo batavuga rumwe. »

Tubajije umuhinga muvya politike, yabwiye ikinyamakuru Itara Burundi ko bashiraho Évariste Ndayishimiye canke uwundi uwariwe wese atowe n’akagwi gatwara igihugu ko intwaro iguma ari yayindi, agasigurako iyaba Petero Nkurunziza ariwe yari mubi ko yarafise abamukikuje bitari kubananira kumutegeka ngo ahagarike amabi yagumye akorwa imyaka yose yatwaye arorera. Akavugako Petero Nkurunziza yaronse umwanya ukwiye wo kumwiyegereza aho yamugira umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu, umuhanuzi mubiro iwe, gutwara ishirahamwe rikukira rita, gutwara umugambwe aho hose ngo akaba asa n’uwamaze kuba umusivire, ivy’igisoda vyamuvuyemwo atanguvu yibaza agifise nk’iziwe kuburyo zotuma yanka kumukoresha ico ashatse. Uwundi kur’ico akaba akaba yatumenyeshejeko « Kuva kubutegetsi ni ukuva kubutegetsi* ko atabonako Petero Nkurunziza ashobokuzomutegeka ivyakora ahubwo ko yomutangaza akamuhindurira.

Tubamenyesheko Évariste Ndayishimiye mukuvuga amazina yiwe hagarutse ipeta yahorana kera ataratwara umugambwe rya Général Major, bikavugwako ryasubiye kuvugwa kugira abaciye mw’ishamba muri CNDDFDD ntibazomukureko amaboko.