Burundi : Abazokwitoza mubakenguzamateka basabwe gutanga amadosiye muri CENI, harimwo ibidasanzwe .

Kuri uyu wa 24/5/2020 umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI wasohoye itangazo usaba abashaka kwitoza mubibanza vy’abakenguzamateka baba abari mu migambwe canke abatari mu migambwe gutanga amadosiye yabo kuva kw’igenekerezo rya 27 rusama 2020 gushika kw’igenekerezo rya 10 ruhenshi 2020. Muvyo basabwa kiretseko hari bamwe bikuramwo hari n’ibindi bishobora kuba bitabaho.

Guhera kuri N°3 yiryo tangazo, uwo mugwi CENI usaba urupapuro rw’amavuka gwitwa extrait d’acte de naissance, urwo narwo rugakuramwo abarenza imyaka mirongo une(40ans) bivanye n’uko imbere ya 1980 urupapuro rw’amavuka rwatangwa na reta rwitwa attestation de naissance.

Kuri N°7, abazokwitoza basabwa kuzotanga urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane(Extrait du casier judiciaire) urwo rugashobora kubuza abari mumugambwe CNL bivanye n’uko havugwako abenshi bagiye barafatwa bagapfungwa mur’iyi minsi y’imyiyamamazo n’imbere yaho bagirizwa ivyaha bishobora kubabuza kwitoza hakongerako umwanya basavyemwo gutanga amadosiye arimuto kuburyo abari hagati mu gihugu bitazokworoha gushika aho barutangira narirya mur’iyo misi harimwo iy’akaruhuko.

Ico c’umwanya kigafatana n’ibisabwa muri N°8 aho mumwanya muto abitoza basabwa gutanga impapuro zerekana uko amagara yabo yifashe kandk abantu ari benshi navyo bishobora kuba intambamyi.

Urupapuro rusabwa kuri N°9 rwerekana ko uwo bubakanye n’uwo yitoza ari imvukira yaho yitoreza mugihe ari umugore rukaba rwoba ruvangura abitoza bifatiye kuntara, kubitsina ndetse n’uko umuntu abantu babayeho. Mugihe umuntu atanze urupapuro rusabwa kuri N°6 rwerekana aho aba, akaba ari umurundi, vyoba bihagije iyo abanyagihugu bamwizeye bakamutora. Abapfasoni bibana, inkumi, abagabo baba muntara zivukamwo abagore babo co kimwe n’abahukanye bikabonekako batarimwo. Urupapuro rwerekana ko umuntu ari imvukira kiretse ko rutari bwabeho mu Burundi mumpapuro zitangwa na reta co kimwe n‘urupapuro rusabwa kuri N°11 rwemezako uwitoza yiyemeza kwubahiriza ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, mu mategeko y’uburundi bisanzwe bizwiko yaba umurundi canke umunyamahanga bose bategerezwa kugengwa n’amategeko, bikagwa neza mukinyamazuru ngo : »Nul n’est sensé ignorer la loi= Ntamuntu numwe atamenya amategeko ».

Urupapuro rusabwa abigenga kuri N°12 rusabwa bamwe mugihe CENI itashizemwo ko uwitoza atanga ikarata y’umugambwe n’abigenga ntiborusabwe bivanyeko kuba mumugambwe bidasaba amasezerano ntabanduka, umuntu uko ashobora kwinjira mumugambwe umusi umwe niko kuwundi munsi awuvamwo atanyandiko zibanje gusinywa urwo narwo rugashobora kuba rushaka kubuza abatibonye kuntonde mumigambwe bavyipfuza kwitoza kugiti cabo nk’uko amategeko abibemerera.

Urupapuro rusambwa kuri N°13 rwerekana ko uwitoza arihira muri banki nkuru ingwati y’ibihumbi amajana ane (400000FBu) ntirwerekana inimero ya konte arihirako bikaba vyojuragiza abitoza ndetse rukaba rurimwo akantu ngo « intara yose yitozamwo » kumvikanako kugururira abitoza muntara zirenga imwe kandi bitoba arivyo.

Mukugira umugambwe uri kubutegetsi uzunguruke ivyo ikinyamakuru Itara Burundi cashize ahabona ko wagize intonde z’abitoza mubahanuzi b’amakomine bava mubwoko bumwe n’abanditse ubwoko bw’abatutsi nabo ari abahutu, woba waciye usaba CENI guhinyanyura mumatora akurikira, uyo mugwi wasavye abanyamigambwe n’inani z’imigambwe mugace kanditseko Menya Neza; gutanga intonde zibiri zibiri z’abitoza kuntara kuntaza ni ukuga urw’abahutu n’urw’abatutsi.

Igingo ziri mw’itegeko N°1/11 ryo kuwa 20 rusama 2019 rigenga amatora.

Mw’itegeko N°1/11 ryo kuwa 20 rusama 2019 rigenga amatora ryashizweko umukono w’umukuru w’igihugo Petero Nkurunziza mungingo yaryo ya 142 rivugako umugambwe utanga uwitoza n’abomusubirira gusa. Ikindi gishobora kuba giteye amakenga ni impapuro zitataye umugwi CENI usaba kandi utavuze amatarike yofatirwako kugira urupapuro rufatweko rutataye igihe.

Tubibutseko amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 20 mukakaro 2020 aho bazotorwa n’abahanuzi b’amakomine.