#Burundi: Bigiye vyaja ahabona ko Koperative Sangwe ar’iy’umugambwe CNDDFDD

Mwitangazo ryahamagarira abagumyabanga ba CNNDDD bashika 600 bo mu gisagara ca Bujumbura kwitaba ibikorwa bibera i Gitega kur’uyu wagatandatu igenekerezo rya 07/12/2019, hatumiwemwo abarongoye Koperative Sangwe.

Iryo tanganzo ryatanzwe na Serges Hategekimana arongoye Imbonerakure mugisagara ca Bujumbura ntiryerekana ibikorwa bafise i Gitega ariko rikavuga ibitigiri vy’abagenda uburyo n’amasaha bagirako.

« Kurubanza rwejo,
Hasabwa ko tuzoduga tungana amajana atandatu(600).

  • Abarongoye umuhari mû ma quartiers yose agize Mairie (99)
    -Abarongoye coopérative sangwe mû ma quartier yose yigisagara(99)
  • Abarongoye umugambwe mû ma quartiers yose(99).
    -Indongozi zose kiva mû Ntara gushika ku makomine inzego kunzego zose.
  • Imbonerakure zose zihurikiye muri Coopérative Sangwe na VASO .
    -Abagumyabanga bose,Abakenyereragumba ,n’imbonerakure Bose musabwe kwitabira ico gikorwa.

Abobose tudondaguye ,basabwe ko ejo isaha zitanu 11hoo z’umurango boba bashitse kuri E.T.S, Kuko amabisi azobunguruza ariho bazoyasanga.Murakoze.Kubwubuserukizi bw’umuhari w’Imbonerakure HATEGEKIMANA Serges. » Ivyo tangazo ryaciye kumbuga za Whatsapp z’imbonerakure ejo kuwagatanu.

Iyindwi yose iheze Imbonerakure zikaba zariko zitegura kwiba amatora ndetse n’indirimbo ivyemeza ikaba imaze gusohoka.

Tubamenyesheko amashirahamwe atandukanye yagumye avugako Koperative Sangwe ari inzira umugambwe CNDDFDD watoye yo « gusahura abanyagihugu » ariko atabikorwa vy’umugambwe vyari bwaje ahabona vya Koperative vyerekana neza ko iri munzego zo hejuru z’umugambwe nk’ivyo biza kubera i Gitega.