Burundi : Évariste Ndayishimiye mukumwimika ntibatamba gusa,harimwo bishasha biteye ubwoba.

Mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru wa Politike, k’ur’uyu wa kane igenekezo rya 18 ruheshi 2020, umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye araza kurahira aho ibirori biza kurangwa n’ibintu bishasha harimwo ibiteye ubwoba.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mukwimika Evariste Ndayishimiye mukibanza c’umukuru w’igihugu uno musi i Gitega, hambavu yo kuvyina no gutamba, naho Pierre Nkurunziza aza gusubirizwa atarahambwa, haraza kuraswa inkoho incuro 21 aho abanyagihugu basabwe kwigiza kure abana bohava bagira ubwoba.

Uwo mugenzo mushasha mu Burundi nk’igihugu caciye muntambara y’amoko kandi kigiye gutwarwa n’umusoda bikaba vyatanguye gutera ubwoba abacitse kw’icumu. Bakiyumvirako Évariste Ndayishimiye yimikishijwe kurasa inkoho ashobora kuzoba atanze ubutumwa bufotse bwo kubandanya ihonyabwoko ryari ryahagaritswe n’amasezerano y’i Arusha mumwaka wa 2000 akaza guhonyangwa n’ibwirizwa nshingiro rya 2018 aza kurahirirako.