Mugihe k’ur’uyu wa kane igenekerezo rya 11 ruhenshi 2020 ariho hakwira imisi itatu umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashengeye, inama nshikiranganji iriko itegura gusaba sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro ko yosoma amategeko umukuru w’igihugu mushasha akajaho.
Ingingo y’ibwirizwa nshingiro ryo mumwaka wa 2018 eka mbere n’iryatowe 2005 ya 121 agace ka kabiri irerekana uwuheza agasubira mu kibanza c’umukuru w’igihugu mugihe atanze imihoho canke apfuye. Iyo nayo ikaba ivugako umukuru w’inama shingamateka ariwe aca amusubirira canke icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu afadikanija n’ugwego rw’abashikiranganji. Iyo reta mfatakibanza iba ifise umwanya w’amazi abiri yo gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu.
Hoba hari ukutumva kumwe kubantu batandukanye kuvyerekeye uko hosuburizwa umukuru w’igihugu atamategeko ahonywanzwe :
Bamwe bavugako reta mfatakibanza itagikenewe kubera akazi yohawe ko gutora umukuru w’igihugu atakahari kubera Gen Maj Evariste Ndayishimiye yamaze gutorwa kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020. Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka bikavugwako atoba umukuru w’igihugu mfatakibanza kubera asigaje ikiringo gito kugira inama nshingamateka arongoye irangize ikiringo cayo naho vyobaye ngombwa ko ariwe ahaja.
Abandi bakabonako reta mfatakibanza atabubasha nabumwe iba ifise bwo gushinga amategeko atari gutungamya amatora bakavugako amatora aca asubirwamwo yose n’ayabashingamateka arimwo kuko inama nshingamateka ataco iba ikimaze atamukuru w’igihugu ariho asinya ategeko itoye.
Aho nimugihe Aimé Magera aserukira umugambwe CNL mumakungu avugako hategerezwa gukurikizwa amategeko Pascal Nyabenda agatwara igihugu vy’imfatakibanza ico umugambwe CNDDFDD woba udashaka no kunywa mu mazi kubera wamaze no kwigina intsinzi y’uwo washize imbere mumatora yo kuwa 20 rusama 2020. Ivyo bikanabonekera muvyo umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yanditse kur’ubuga rwiwe rwa Twitter amasaha abiri gusa imbere y’uko havugwa itangazo ryo kubika Petero Nkurunziza,aho yamenyeshejeko bobo bariko babandanya batunganya amatora y’abakenguzamateka. Bisubiye n’umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI ukaba waciye usohora itangazo wongereza ikiringo co gutanga amadosiye kubashaka kwitoza kikazoshika kw’igenekerezo rya 13 ruhenshi 2020.
Bikavugwa kandi ko bamwe mubihangange vy’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi bavugako hakurekura igihugu babura bakubita coup d’état bakishingira reta bishakiye niyo Evariste Ndayishimiye atemererwa kurahira ngo atware uyu mwanya nyene.
Tubamenyesheko amasaha 72 agira akwire abarundi batazi uwutwara igihugu. Gushika ubu sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ntawuramenya ingingo izofata muntumbero yo gushiraho umukuru w’igihugu akurikije amategeko narirya ibwirizwanshingiro ritategekanije uwo subirira umukuru w’igihugu apfuye uwundi yaramaze gutorwa.