Burundi : Intwaro ya Évariste Ndayishimiye ibarambiye kare.

Inyuma yo gushingura umuhisi Petero Nkurunziza kw’igekekerezo rya 28 ruheshi 2020, umugambwe CNDDFDD yaturukamwo, igisata ca Bujumbura basabwa kumara imisi 30 bakoranira hamwe bibuka iragi yabasigiye guhera ejo kuwambere igenekerezo rya 29 ruheshi 2020.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura mu mugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi abivuga, hashizweho ikirangamisi c’amakoraniro azoba imisi yose mugisagara ca Bujumbura guhera isaha cumi z’umuhingamo kungoro z’uwo mugambwe mumazone.

Dr Cleophile AKINDAVYI, Willy Nyamitwe, Munani Bosco, Freddy Mbonimba n’abandi bari mubazoremesha ayo makoraniro bakagirako bagatanga ivyegeranyo bitarenga isaha imwe z’ijoro mumugambwe CNDDFDD i Bujumbura, ivyo navyo kibazoba birimwo ivyo bigishije n’ivyo abantu bagiye baravuga.

Ayo makoraniro akazohuza abanyamugambwe barongoye abandi, abakozi ba reta, abanyeshure bo muri kaminuza bose bari mur’uyo mugambwe urongowe na Gen Maj Évariste Ndayishimiye, bivanye n’umusi n’ingoro y’umugambwe na zone izoba ibakira.

Tukabamenyeshako imyidogo ari myinshi kur’abo bazokwitaba ayo makoraniro aho babonako ari kuharuhisha muguhe inyugisho Petero Nkurunziza yabigisha bavugako bazibuka kandi bakagira n’ubwobako ikiza ca COVID19 gishobora kubafata bose. Bavugako batumva imvo zoguhura imisi yose kandi bari bafise iradiyo y’umugambwe bashobora gucishamwo ivyo bashaka kubabarira hanyuma nabo bakaronka agahengwe ko gukora ivyabo bibateza imbere bidegemvya.