Burundi: Ishengero rya pentecôte rirageramiwe.

Urugo rwa Onesphone Rukwiririkanya, umwungere wa kabiri w’ishengero rya pentecote i Bujumbura ruri mu Gatunguru rwaratewe grenade yonona imodoka n’inzu mw’ijoro ryakeye 22 rusama 2020.

Inyuma y’aho umugambwe CNDDFDD ushikiriye ishengero rya pentecôte y’i Nyanza-Lac mu mpera za 2018, rigashikirizwa umuhisi Pasteur Kidebuye Jonathan, akaza arapfungisha abatamushigikiye no mw’ishengero rya pentecôte i Bujumbura hari abashatse kubikora nk’uko ariko hoho ntivyakunda.

Muyuma umwungere w’ishengero rya Pentecôte mu Burundi, EPBU, Vyimana Eliezer yaratewe ubwoba aho yakorera mu Kirundo arahunga cokimwe na Niyungeko Samweli yaritwara i Bujumbura nawe yahunze inyuma y’igitero ca grenade yatewe kurugo iwe yonona imodoka nk’uko vyaraye bigenze kwa Pasteur Onesphone mu Gatunguru kw’igenekerezo rya 22 rusama 2020.

Ntivyatevye ishirahamwe ry’amashengero ya pentekoti mu Burundi, EPBU ryaciye rifutwa, amashengero ya pentecote asubira gutwarirwa mur’unani rw’amashengero ya pentekote yo mu Burundi, CEPBU, bikavugwako umugambwe CNDDFDD wabigizemwo uruhara kugira uryigarurire nk’uko woba wabigize no muhandi mashenhero hanyuma « Igicaniro », urusengero rw’umugambwe ruri i Gitega ruzoronke abarusengeramwo.

Tubamenyesheko Petero Nkurikiye avugira igipolisi yamaze kumenyeshako ico gitero caraye kibereye mu gatunguru kurugo rwa Rukwiririkanya Onesphone cavuye kundanye ziri mur’ivyo shengero.