Burundi : Kuber’iki kuri Hôtel Club du Lac Tanganyika ariho hazosomerwa ivy’avuye mumatora ?

Ejo kuwambere igenekerezo rya 25 rusama 2020 harategekanijwe gusoma ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora yabaye kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020. Kubona ibirori bizobera kuri Hôtel Club du Lac Tanganyika vyoba bisa n’ibizwi kuwo CENI izosoma ko yatsinze amatora.

Kiretseko Hôtel Tanganyika hagandaguriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore yarondeye intahe yo kwikukira kw’igenekerezo rya 13 gitugutu 1961, bikaba vyoba bifise insiguro zo mw’ibanga ry’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi narirya hari amahoteri menshi y’ibihangange mur’uwo mugambwe yarenganywe kugira hacagurwe ihoteri ihakwa kuvugwa kumwe nayo kugira abe ariho hazosomerwa ibigaruro vy’amatora adasanzwe. Hôtel Club du Lac Tanganyika biravugwako yaguzwe na Alfredo Frojo, umugwizatunga w’umutariyano yoba avuga rikijana mur’uwo mugambwe. Ari hamwe ico kibanza cotangarizwa ko Agathon Rwasa ariwe yatsinze amatora yo kuwa 20 rusama 2020 bikavugwako ataho vyoba bitandukaniye no kudandariza inyama z’ingurube mumisigiti w’aba isaramu kandi ko Rwasa Agathon yoshobora guca akurikira Rwagasore.

Ubucuti buri hagati ya Alfredo Frojo na CNDDFDD

Kw’igenekerezo rya 15 ruhenshi 2019, munama y’abashikiranganji ba reta y’uburundi harashikirijwe umugambi wo kwubaka inyubakwa zokwakira amanama mpuzamakungu(Centre de congrès international de Bujumbura) uzotwara imiriyoni ziri hagati ya 31 na 33 z’amadorari y’abamnyamerika akaba arenga imiriyaridi mirongo itandatu z’amafaranga y’amarundi (60 000 000 000F) watangujwe n’uwo mutariyano Alfredo Frojo, umuyobozi mukuru wa Hôtel Club du Lac Tanganyika. Muriyo nama bikava vyavuzweko hazobanza gushingwa ishirahamwe ryitwa Burundi Congres and Business Center.
Mur’iyo nama nshikiranganji uwo mugambi w’uwo mutariyano wazanywe n’umushikiranganji w’ikigega ca reta n’ubutunzi ukaba waremejwe atamahiganwa arinze kuba. Hôtel Club du Lac Tanganyika ikaba izoba ifisemwo imitahe 60%, reta 20% hanyuma Alfredo Frojo akazokwongera akifadikanya n’abandi batariyano b’abahinga muvyo kwubaka babicishije mw’ishirahamwe Frojo Engineering bakazotanga imitahe isigaye 20%. Reta y’uburundi ikaba yaciye ishinga umugwi wo kuganira n’aba bagwizatunga kugira zikazokwubakwa mukibanza c’ama hegitari atatu n’inusu(3,5ha) zizomare imyaka 15 zoroherezwa mugutanga amakori.

Mugihe uwo mugwizatunga yoba ari umunyamugambwe akomeye akanaterera amafaranga menshi mu mugambwe CNDDFDD bivugwako yaraguze inyubakwa n’ibibanza vy’umugambwe UPRONA zitarinke hamwe wenyene nko kunyubakwa yari kw’ibarabara ryitiriwe uwo mugambwew, ahandi afadikanije n’abandi bagwizatunga nko mukamenge no ku mugumya. Umugambwe CNDDFDD uvuye kubutegetsi ubutunzi uwo mugwizatunga yoba yaronse bidaciye mukuri akaba yoba atinyako yobwakwa n’uwoja kubutegetsi.

Twobamenyeshako mumatohoza mukinyamakuru Itara Burundi tumaze imisi tugira kurubuga rwacu rwacu rwa Twitter, tubaza inkurikizi zoba ari hamwe umugwi CENI ujejwe gutunganya amatora uvuzeko umugambwe CNDDFDD watsinze amatora kandi CNL nayo ivugako muvyegeranyo vyo mumazu y’amatora ariwo watsinze,

Mubantu 163 bari bamaze kwerekana ivyiyumviro aho twandika iyi nkuru mumasatatu z’ijoro ibice 36% bavugako hoca haduka intambara, 31% bakabonako guharura amajwi vyoca bisubirwamwo, 23% bati imigambwe yoca yumvikana igashonga reta y’ubumwe hanyuma 10% nabo bati amatora yoca asubirwamwo.

Tubandanya tubaza abandi ico babivugako:


Tubamenyesheko ivyavuye mumatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’ayabashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020 bizotangazwa n’umugwi ujejwe amatora CENI, ukaba wari waramenyesheje ko kumagenekerezo rya 25 na 26 rusama 2020 ariho hazotangazwa ibiharuro mfatakibanza hamyuma kw’igenekerezo rya 4 ruhenshi 2020 ugatangaza ibiharuro ntabanduka.

Umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa akaba yahereye kuva aciyamamaza amenyeshako abona amahinyu mw’itunganywa ry’amatora ya 2020 akavugako uwo mugwi udatangaje ivyo abanyagihugu batoye azoca avyanka akitura ubutungane.