Burundi : Umugambwe CNL uriyamiriza ishingwa rya reta gihutihuti.

Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa uriyamiriza iyemezwa n’inama nshingamateka ry’umushikiranganji wa mbere be n’icegera c’umukuru w’igihugu vyabaye kur’uyu wa 23 ruheshi 2020.

Kur’ubuga rwawo rwa Twitter umugambwe CNL umenyesha ko utumva ukuntu icegera c’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere bemejwe nimana nshingamateka kandi bitari kurutonde. Ukagira amakengako izo nzego zemejwe n’inama nshingamateka ataco izoheza ngo ibazwe kubera igira irangize ikiringo.

Umugambwe CNL ukabonako habayemwo amanyanga kandi ko inamashingamateka yimirije kujaho ishobora kuzokwanka izo nzego.

Tubibutseko umugambwe CNL wamye umenyeshako ariwo watsinze amatora yo kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020 kandi wiyamirije ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yo kwemerako Gen Maj Évariste Ndayishimiye arahira hataragera igenekerezo rya 20 myandagaro 2020 uko amategeko yabitegekanya akarahira kurya 18 ruheshi 2020 kubera urupfu giturumbuka rwa Petero Nkurunziza gwabaye kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2020.