Inyuma y’imisi itatu umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD ugirisha amasengesho, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 ukaba wagirishije ikoraniro kaminuza aho Général Major Evariste Ndayishimiye ariwe yatowe ngo azowuserukire mumatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 20/11/2020.
Mugihe hari hamaze imisi havugwa abantu bane:
- Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe CNDDFDD,
- Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka akaba yaranarongoye uwo mugammbwe,
- Reveriyano Ndikuriyo, umukuru w’inama nkenguzamateka
- Gabriel Nizigama batazira Tibia umukuru w’ibiro vy’umukuruwigihugu bijejwe abanyagihugu akaba yarabaye umushikiranganji w’umutekano
Ko aribo botowemwo uwitoza agasubirira Petero Nkurunziza amaze imyaka 15 kubutegetsi. Général Major Evariste Ndayishimiye akaba ariwe yahavuye atorwa n’abanyamugambwe CNDDFDD hafi 1700 kubarenga gato 1800 bari bategekanijwe.
Tubamenyeshoko uwo atowe ariwe azohangana n’umushingamateka Rwasa Aghaton atwara umugambwe CNL bivugwako ariwe benshi baha amahigweko azokwegukana ikibanza c’umukuru w’igihugu ari hamwe amatora atazoba yibwe.