Hari urunani rwa politike rushasha rwavutse mu Burundi

Inyuma yo kuva murunani CNARED, abanyepolikike bamwe bamwe bagize urunani rushasha  rwitwa CFOR ARUSAHA ruje guhabuza amasezerano ya Arusha kw’igenekerezo rya 09/9/2019 i Bruxelles mu Bububirigi.

Umviriza Charles Nditije

Nk’uko Charles Nditije umwe mubagize urwo runani yabidushikirije, CFOR ARUSHA rugizwe n’imigambwe ; Kaze FDD, NADEBU, UPD, RDB, UPRONA n’abandi banyepolitike rukaba rushinzwe kugira bahimirize abarundi bashobore kugwanya intwaro ya Petero Nkurunziza imaze imyaka irenga cumi ihagaze kugakanu abarundi.

Mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kw’igenekerezo rya 10 nyakanga 2019, rwashinzwe hihwejwe intambamyi n’ukwihenda vyagiye biranga abanyepolitike batari bake hanyuma hashigweho intumbero nshasha n’uburyo bushasha bwo kugwanya intwaro ya CNDDFDD. Rukaba rurongowe na Chauvineau Mugwengeze, icegera ciwe akaba ari Fréderic Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

Kuvyerekeye amatora ya 2020 urwo runani rubonako abanyepolitike bari bahunze bariko bashaka kuyitaba ari ukurambirwa no guhemuka.

Tumaze kubona mw’itangazo ryasobowe n’urwo runani ndetse na Karori Nditije akabishimangira ko urwo runani rwugururiwe n’abadaharanira ivyicaro vya politike twegereye bamwe mubarongoye ayo mashirahamwe tubabaza ko amashirahamwe yabo yoba yiyunze canke afise umugambi wo kwiyunga n’abanyepolitke batwishuyeko atarivyo ndetse umwe atubwirako vyoba vyashikirijwe uko kugira urwo runani rwizerwe ariko ko amashirahamwe adaharanira ivycaro vya polike atokwubahuka kwinjira muvya politike.

Tubamenyeshejo mumigambwe yahora muri CNARED, umugambwe MSD na CDP iri muyitavuzwe mururwo runani rushasha.