Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi barahamagarira bene wabo baba mubihugu bibanyi vy’ububirigi gufatanya nabo mukwiyamiriza ingingo ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu.
Kunsi wa gatanu igenekerezo rya 27 Nyakanga 2019, isaha zitanu z’imbere ya sasita kugeza isaha indwi, abarundi basanzwe baba mu gihugu c’ububirigi bqrateguye imyiyerekano izokorwa mu ntumbero yo kwifatanya n’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu kwiyamiriza ingingo n’umugambi ugayitse vyafashwe na Leta ya Tanzaniya vyo gutahukana impunzi zose z’abarundi ku nguvu nkuko ubutumire batanze bubivuga.
Iyo myiyerekano ikazobera imbere y’irembo y’ibiro vy’uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Bubirigi biherereye mugisagara c’Iburuseri ibarabara ryitiriwe Francklin Roosevelt inomero 72. Hakaba hatumiwe n’abandi barundi basanzwe baba mu micungararo bipfuza kwifatanya nabo. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bakaba imvo nyakukuru bipfuza gusaba leta ya Tanzaniya ko yokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yandi yashizweho igikumu kubijanye n’ugukingira impunzi.
Igihugu ca Tanzaniya kikaba cafashe ingingo yo gutahukana kunguvu impunzi z’abarundi zose ziri muri ico gihugu kuva kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2019, aho akaba ari inyuma yaho abaserukiye Leta y’uburundi bagiriraniye umubonano n’abaserukiye Leta ya Tanzaniya bakanasinyiranira amasererano yo kuzotahukana abatari munsi ya 2000 kundwi.
Mwomenya kandi ko iyo ngingo yaje ikurikira amakuba n’amarushwa menshi impunzi z’abarundi bahungiye mu makambi yo mu gihugu ca Tanzaniya bahabonera. Bamwe baranyuruzwa abandi bagafatwa bagafungwa bidakurikije amategeko,aha ntitwokwibagira kubibutsa abishwe n’abahohotewe harimwo abakenyezi n’abakobwa bafashwe kunguvu .