Burundi : « Igihugu cafashwe mpiri n’umugambwe CNDDFDD »

Amashirahamwe 20 aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yasohoye urwandiko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2024, umusi wo kwibuka imyaka icenda iheze hatanguye imyiyerekano yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD ugahasha abo bose bayiroyemwo basaba kwubahiriza amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro, abarundi benshi bakicwa, abadapfunzwe bagahunga.

Ikinyamakuru Itara Burundi turabacira kumayange bimwe muvyo twasomye mu rwandiko rwasohowe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi aho yamenyeshejeko  kuva umuhisi Petero Nkurunziza amenyeshejeko azokwitoza ubugira gatatu haciye imyaka icenda ko igihugu c’uburundi cagize ingorane nyinshi cane.

Muri Politike n’umutekano, abarundi bari bagiye mumyiyerekano y’amahoro yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’amahoro no gusubizahamwe ya Arusha barishwe, aha bagatanga akarorero k’umwana w’imyaka 16 yitwa Jean Népomuscène Komezamahoro, yihwe ubwambere n’umupolisi  kuwa 26 Ndamukiza 2015 mu Ngagara mu gisagara ca  Bujumbura, aho yarashwe amanitse amaboko.

Abarundi barenga 250 000 bakaba bakiri mu buhungiro abarenga 1200 nabo bakaba barishwe nk’uko biri muvyegeranyo harimwo ivya ONU.

Ayo mashirahamwe akamenyeshako ahoza imiryango y’abarundi bishwe, ababazimiye bakaburwa irengero, abapfunzwe n’abahunze ndetse n’impunzi zo hagati mu gihugu zibandanya guhohoterwa. Bakavuga na cane cane abahoze mugisoda ca kera Ex-FAB bama bariko barahagarikwa, bamwe bakaburirwa irengero bigizwe n’ubutegetsi bwa CNDDFDD.

Ku bujanye na politike n’amategeko ; ayo mashirahaùwe yamenyeshejeko ubutegetsi bwa CNDDFDD ko bwasubije inyuma intwaro rusangi bagatanga uburorero bubiri :

  • Ibwirizwa No 1/02 ryo kuwa 27 Nzero  2017 rivuga kw’itunganywa ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike

  • Guhindura ibwirizwa nshingiro kuwa 07 Ruheshi 2018 yiswe ko ari « référendaire » rigaha umugambwe CNDDFDD kwiha ibindi biringo vyo gutwara vy’imyaka indwi ndwi.

Akavugako guhera mumwaka wa 2016 amashirahamwe menshi adaharanirra ivyicaro vya politike ko yahagaritswe ayandi agafutwa.

Kubijanye n’ubutungane  ayo mashirahamwe y’avuzeko umugambwe CNDDFDD wanigiye mumenshi abatavuga rumwe nawo aho abafatwa benshi bagirizwa ivyaha biremereye nko « Guhungabanya umutekano w’igihugu no kuja mumirwi yitwaje ibirwanisho » ndetse n’abaharanira agateka ka zina muntu bagafatwa kugira bikunde bacirwe urubanza rwo guherayo.

Bavuze kandi k’urubanza rwaciwe na sentare ya Africa y’ubuseruko mukw’icenda 2022 imenyeshako ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza kitari gikurijije amategeko ariko ingingo y’iyo sentare ataco yahavuye ihindura.

Kubijanye n’imigenderanire hagati y’uburundi n’amakugu, ayo mashirahamwe yavuzeko abafasha uburundi benshi bahagaritse imfashanyo, uburundi nabwo bugapfunga imipaka buhana b’igihugu c’u Rwanda ndetse no guhera mukwa mbere 2024, bukaba bwarasubiriye kuyipfunga kandi gupfunga imipaka kando ari uguhonyanga amasezerano yashizeho umuryango w’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko, EAC.

Ayo mashirahamwe amenyeshejeko ahagaritswe umutima n’inyifato y’umugambwe CNDDFDD uriko urugara urubuga rwa politike afatiye kubiheruka gushikira umugambwe CNL aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi buherutse kuwucamwo ibice bukawaka Honorable Rwasa Agathon.

 Ayo mashirahamwe yasinye k’ururwo rwandiko, yamenyeshejeko atazohengeshanya kwama akurikirana, asemerera yongera avugira abahohoterwa kandi asabako abakoze amabi bose ko bohanwa.

Ayo mashirahamwe kandi yasavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ndetse n’amashirahamwe n’ibihugu bifasha uburundi gukurikirana amabi akorwa mu Burundi kugira hatorwe umuti urama kundyane ziri mu Burundi.

Ayo mashirahamwe yasozereye urwo rwandiko asaba ibihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko ko yosubira ku burundi akabutegeka guhagarika kubandanya buhonyanga agateka ka zina muntu ahubwo bugarukane amahoro n’umutekano, vyo nkingi z’intwaro rusangi mu karere.

Nk’uko tubisanga kur’urwo rwandiko dusanga kumbuga z’ayo mashirahamwe

Rwasinywe kur’uwu wa  26 Ndamukiza 2024

 Amashirahamwe yasinye urwo rwandiko nayo akaba ari aya akurikira.

 Action des Chrétiens pour l’abolition de la torture au Burundi (ACAT Burundi)

  1. Association des Journalistes Burundais en Exil (AJBE)
  2. Association burundaise pour la protection des droits de l’homme et des personnes détenues (APRODH)
  3. Coalition Burundaise des Défenseurs des Droits Humains (CBDDH)
  4. Coalition burundaise des défenseurs des droits de l’homme vivant dans les camps des réfugiés (CBDH/VICAR)
  5. Coalition Burundaise pour la Cour Pénale Internationale (CB-CPI)
  6. Coalition de la société civile pour le monitoring électoral (COSOME)
  7. Collectif des Avocats pour la défense des Victimes de crimes de droit international commis au Burundi (CAVIB)
  8. Ensemble pour le soutien des défenseurs des droits humains en danger (ESDDH)
  9. Forum pour la Conscience et de Développement (FOCODE)
  10. Forum pour le Renforcement de la société civile au Burundi (FORSC)
  11. Light for all
  12. Ligue ITEKA
  13. Mouvement INAMAHORO
  14. Mouvement des femmes et filles pour la paix et la sécurité au Burundi (MFFPS)
  15. Réseau des Citoyens Probes (RCP)
  16. SOS Torture Burundi (SOS-TB)
  17. Tournons La Page Burundi (TLP-Burundi)
  18. Tournons La Page International
  19. Union Burundaise des Journalistes (UBJ)

 

Laisser un commentaire