Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aratewe impungenge n’uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Muri raporo yama ashikiriza imbere y’inama nkuru y’umutekano ya ONU uko amezi atatu aheze yerekeye uburundi, umunyamabanga mukuru wa ONU yamenyesheje kur’uyu wa 24/10/2019 ko uburundi bukirangwa mundyane za politike no kudahana ivyaha.

Muri raporo y’impapuro cumi na zitandatu Itara Burundi twashoboye kuronka, umunyamabanga mukuru wa ONU arerekana ukuntu imigambwe CNL na UPRONA yaburabujwe mu bikorwa vyayo mu kwezi kwa kabiri n’ukuntu ingoro z’umugambwe CNL zirenga 10 zaturiwe izindi zigasamburwa.
Iyo raporo irererekana utwigoro twa reta two gushigikira hamwe n’ingendo yo kugaya aho yerekanako reta iterekwa ibiganiro kandi ariyo nzira yonyene yo kugarukana amahoro mu burundi.
Kuvyerekeye amatora asigaje amezi make ngo abe mu Burundi, umunyamabanga mukuru wa ONU arafise amakenga ko ayo matora atazokwitabwa n’impande zose z’abarundi kubera hakiri impunzi hanze y’igihugu kandi nabo bari abarundi mu bandi agasabako reta yohana inkozi z’ibibi, ikemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe, ikagaruka ku masezerano ya Arusha yo yari yatanze amahoro n’umutekano, ikemerera kwugururira iyindi migambwe igakora mu mwidegemvyo n’ibindi.
Iyo raporo iragaruka uko ibiganiro vya reta na CNARED yasavye i Nairobi muri Kenya bitahawe ikibanza gikwiye, igasaba akarere ka afrika y’ubuseruko kubandanya bagondoza reta n’abo batavuga rumwe ngo baganire amahoro agaruke mu Burundi.

Tubamenyesheko kuruyu wa 30/10/2019 Michel Kafando nda Jürg Lauber bazofata ijambo mu nama nkuru y’umutekano kuvyereye ibikorwa bakoze nk’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kur’uyo wambere hamwe nk’uwujejwe igisata co kugarukana amahoro muburundi uwo wakabiri.

Mushobora gusoma iyo raporo muciye aha