Burundi: Buramatari w’intara ya Kayanza yanse urugendo rw’umugambweSAHWANYA FRODEBU.

Buramatari w’intara ya Kayanza yaraye ahakaniye abanywanyi b’ubugambwe SAHWANYA FRODEBU kuzogira urugendo rwobashikanye aho bazogirira inama ku munsi w’Imana igenekerezo rya 15/12/2019.

Mw’ikete yandikiye umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU kuri uyu wambere igenekerezo rya 10/12/2019, Hon. Anicet Ndayizeye arongoye intara ya Kayanza amenyeshako atari buhakane ibukorwa vy’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ariko ko urugendo rwovanye abanywanyi bawo muri karitiye Mukoro rukabashikana mw’ihoteri KAMOTEL aho bazogirira inama ruhagaritswe.

Mugihe mu mugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD badasiba kwerekana inguvu, batunganya imyiyerekano hirya no hino mugihugu, uwo mutegetsi mukwanka urugendo rw’umugambwe watanguje « DEMOKRASI » mu Burundi, ntiyatanze insiguro ngo yerekane ivyokwononekara urwo rugendo ruramutse rubaye.