Nk’uko amakuru adushikiriye kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 19/12/2019, urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melhior Ndadaye buca rusasa mu ntara ya Gitega ejo kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2019 ahapfungiwe abagirizwa urwo rupfu.
Nkuko amajwi musanga kurubuga
rwacu muyumva, urwo rubanza rwoba rugira rukoreshwe n’ubutegetsi bwa Petero
Nkurunziza mukwerekana ko ataco butinya ko bwaciye urubanza ruhambaye mugihe
amasezerano ya Arusha yavugako imanza nk’izo zizocibwa na Sentare idasanzwe
yerekeye uburundi(Tribunal Spécial sur le Burundi) iyo nayo ikaba itarajaho.
Bikavugwako iyo sentare ariyo
yociye urwo rubanza hamwe n’izindi z’abakoze
amabi mu ntambara yakurukiye urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior
yagandaguwe kw’igenekerezo rya 21/10/1993 nk’abaturiye abana bo mu Kibimba,
abishe abantu i Bugendana, i Teza, i Buta, i Bubanza, abategera abantu ku
mabarabara bakabica n’ibindi n’ibindi
Ababona ibintu n’ibindi bakabona
ko kwoba ari ukurondera kugarukana ubwizigirwa bwa CNDDFDD mu bwoko bumwe ngo
bikunde bazoronke amajwi mumatora ya 2020 hama ubutunzi bw’abahunze bigeze kuba
abategetsi bunyarwe urukombamazi.
Post Views: 2 302