Rwanda: Impunzi zahungiye mu Rwanda zaramutse zisangira umuganuro ubugira gatatu.

Wari umunezero udasanzwe mu nyubakwa z’ikigo Oasis of peace, mu gihugu c’Urwanda, aho urunani rw’urwaruka Syjebu rwaramuka rusangira n’abandi barundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda umugirwa w’umuganuro dusanzwe tuzi kuva nakera.

Kuri uno munsi w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2019, urunani rw’urwaruka Syjebu ruhurikiyemwo umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJB, Kigali students, Umurwi ndangakaranga uvuza ingoma HIMBAZA, umurwi ndangakaranga Intwari,Ihunja be n’umurwi ndangakaranga Intahesha ukorera mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama, wari wabateguriye umusi udasanzwe, aho wifatanije n’abarundi bahungiye mu gihugu c’urwanda eka nabaje bava mubindi bihugu, bagahurira hamwe bagasangira ibifungurwa kavukire harimwo umutsima w’ingano, intete zibigori n’ibiharage, umwungu, imboga zitandukanye be n’inzoga y’impeke.

Nkuko vyakorwa muri uwo mugirwa mbere, hakaba hari hatowe mu rwaruka umwami n’umwamikazi kugira abe aribo batanga umwaka bakawuha abandi maze bakibuka uko umwami ico gihe yiyegereza abarundi bose ngo abahezagire maze ahezagire n’umwimbu. Ivyo bikaba vyabaye muntumbero yo kwibutsa abarundi akaranga kabo. Mwijambo umushingantahe dr Adrien Rugambarara yashikirije, yashimye kino gikorwa c’uru rwaruka, anabashigikira mu bikorwa vyokwerekana umutima w’urukundo bafitiye uburundi kandi bakanavyerekana. Anasaba abarundi bose gufatira akarorero kurwo rwaruka babandanya bafatanye munda.

Uwuserukira urwo runani rw’urwaruka, umushingantahe Eric Rirazimba yamenyesheje ko icifuzo cabo ari kugarukana akaranga kazimiye, maze urukundo n’ugusangira bikagaruka mubarundi. Kubwiwe ngo vyari kuba vyiza iyo barikuba bicaranye nabasigaye mu gihugu bakirengagiza ibibatandukanya vy’amoko n’intara maze bakibuka wa musi umwami yacarika abarundi hamwe bose bahuje umutima n’urukundo bagasangira bakigina umwimbu w’igihugu.

Muvyaranze ivyo birori, harimwo umurisho w’ingoma, indirimbo n’imvyino z’ikirundi vyose bikaba vyari vyateguwe n’urwo rwaruka rw’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda.

Amwe mu mashusho yaranze urwo rubanza