Burundi : Abarundi bababa 30 bafise ubwenegihugu bubiri barankiwe kwurira indege

Mugihe ibihugu bitunze biriko bitahukana abanyagihugu bavyo bari kw’isi yose kubera ikiza ca CORONAVIRUS, abarundi bafise ubwenegihugu bw’iburaya, amerika, canada n’ahandi barankiwe kwurira indege ibajana iwabo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4/4/2020.

Mugihe indege yarije gutora abanyamanga barenga gatoya 110, yabanje kwankirwa n’inzego z’umutekano kwururukira kukibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, inyuma y’ibiganiro vyihuta hagati ya reta n’inzego zihambaye kwisi ikaba yaremerewe kwururuka.

Naho bemeyeko iyo ndege yururuka, inzego z’umutekano zikaba zaranseko abarundi bafise ubwenegihugu bubiri, ni ukuvuga abagore canke abagabo n’abana bari bajanye n’imiryango yabo mu bihugu bitunze burira indege uko bababa 30, vyabaye ngombwa ko batandukana n’imiryango yabo.

Tubamenyesheko bagiye inyuma y’imisi mike mu Burundi, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya SIDA atangaje kumugaragaro ko abantu 3 banduye ikiza ca CORONAVIRUS, ikiza catumye ibihugu bitunze bifata ingingo yo gutahukana abanyagihugu bavyo bakwiragiye kw’isi yose kugira bazobikurikiranire.

Ico kiza ca CORONAVIRUS ciswe COVID19 kikaba catanguriye mu gihugu c’ubushinwa muri kigarama 2019 ariko ubu kikaba kimaze gufata abantu barenga 1200000 hamwe n’abarenga 60000 bamaze gupfa kw’isi yose.

Umuntu afashwe n’ico kiza arakorora, yumva ibicurane, ababara mu muhogo, agashuha, agacibwamwo, agacika inkokora,.. Ahenshi bakaba baramaze gufata ingingo ko abanyagihugu baguma muhira, kimwe mubigwanisho bikomeye vyo kwirinda kwandura ari benshi ico kiza cihuta mugukwiragira.

Mu Burundi haramaze gutatwa ingingo nahone zitarinke harimwo ko abanjejwe amagara y’abantu baguma bahimiriza abanyagihugu gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya bahoberana canke bakoranako, kwirinda kwegerana n’abandi hamwe n’uko hagize uwobona afise ibimenyetso vyico kiza ko yokwakura kunumero itari 117 akabimenyesha abaganga.

Ikindi nuko umuntu wese yinjiye mu Burundi aca ajanwa ukwawenyene agaharirwa ivomo, kimwe muvyafashwe nk’igihano n’abo iyo ngingo yerekeye kubera baheza bakirihira ama hoteri bashikiramwo n’ivyo bahafungurira, ndetse bamwe bakaba bagerageza gutoroka canke bagataha hataragera. Akarorero ni mu Kirundo abanyagihugu 6 babuze ibihumbi birenga 700 yo kuriha ngo batahe nahone imisi 14 itari bwagere. Abatari bake bakabonako iyo ngingo yo kwirihira izotuma abantu banyegeza ko bavuye hanze n’abagwaye bagatinya kubivuga kubera batinya kuja muri quarantaine kandi n’uko reta itaravuga ko abagwaye CORONAVIRUS bazovugwa kubuntu nuko bazokwirihira.