#Burundi: Komine Bwambarangwe : umuhungu na se baragandaguwe mu ndwi iheze inyuma yo gukekwa ko boba bafise koronavirisi.

Twabikuye kuri page facebook ya Pacifique Nininahazwe

Ku musi wa kabiri wo mu ndwi yahera (31 ntwarante 2020) niho Damiyano Bonane yatahuka ku rugo iwe ku mutumba wa Buhoro muri komine Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo.

Yari asanzwe aza araja gupagasa mu gihugu ca Tanzania, haciye amezi agataha. Ariko yatashe adaciye mu kibanza cagenewe abavuye mu bihugu bikikuje Uburundi, bakabanza kumara imisi 14 mu ntumbero yo kuraba ko ata mugera wa koronavirisi bafise. Damiyano Bonane yategetswe kuja kwipimisha ku bitaro vy’i Buhoro. Bamaze kumupima ubushuhe, naho yategetswe co kimwe n’umuhungu wiwe, Ézéchiel Dusabe, kuja i Mukenke, ku murwa mukuru wa komine Bwambarangwe, ahari ikibanza categuriwe abashizwe ukwabo mu ntumbero yo kuraba ko badafise umugera wa korona. Nuko imbonerakure zica zirabashorera uko ari babiri ako kagoroba. Bahagurutse mu gihe c’isaha zine z’ijoro nkuko bivugwa n’abanyagihugu b’i Bwambarangwe.

Igitangaje : bukeye mu gatondo, ikiziga ca Damiyano Bonane n’ic’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe vyatowe mu nzira aho baraye batemagujwe ‘imipanga. Abajejwe umutekano bo bivugira ko abo bantu babiri batewe mu nzira n’abagizi ba nabi. Abanyagihugu nabo bati nta bandi babishe atari imbonerakure kuko nizo zirara zirakizura. Uretse ivyo kubikeka ko bagwaye koronavirisi, abanyagihugu b’i Bwambarangwe bavuga ko atamvo za politike zinyegeje muri ubwo bwicanyi.

Igishoboka rwose nuko Damiyano Bonane n’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe bishwe kubera batashe bava mu gihugu ca Tanzania kimaze kubonekamwo umugera wa koronavirisi. Ababishe bashobora kuba bibwiye ko ariyo nzira nziza yo kwikingira. Ariko ubwo ni ubujuju butagira izina kuko n’ababishe birashoboka rwose ko banabakozeko, nimba abishwe bari barwaye, ababishe nabo nyene bakwiye gushirwa muri ca kibanza co gucungiramwo abakekwako iyo ngwara kuko ababishe nabo nyene bashobora kuba baranduye. Ubu bujuju buva kandi ku nyigisho zitangwa n’abategetsi bamwe bamwe basigaye bavuga ko umurundi wese atahuka avuye hanze muri kino gihe ari umwansi w’igihugu. Koronavirisi ntituzoyigwanya mu gusahuka umutima, ahubwo tuzoyinesha mu gufatana mu nda. Uwugwaye canke uwiketsweko koronavirisi ntakwiriye gufatwa nk’uwamenje, ahubwo n’uwo kwitwararikwa rwose. Ibibanza navyo abantu bashirwamwo mu kurindira imisi 14 ntibikwiye gufatwa nk’amabohero y’abamenje.

Damiyano Bonane n’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe bashinguwe ku wa kane (02 ndamukiza) mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mutumba wa Minyago muri komine Bwambarangwe. Ézéchiel Dusabe yaheruka kuronka amanota meza cane mu kibazo co kurangiza amashure yisumbuye, ubu yariko yitegurira gutangura kaminuza y’Uburundi. None bamunigiye mu menshi kubera umwikeko w’ubujuju.