Burundi : « Atari ihonyabwoko ni igihano co gupfa casubijweho na reta ya CNDDFDD »

Inyuma yaho umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD usohoreye indirimbo n’amajambo vyinshi ryo gucanishamwo abarundi, bamwe bakitwa aberanda abandi aba PDC, ibipinga, Mujeri, babandi, abakozi b’abakoroni, intumva kuva 2015, mw’ijambo risozera umwaka wa 2019 umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyeshejeko umwaka uheze abansi bose bamenyekanye. Mur’ino misi hatanguye umugambi wo kwica abatutsi n’abahutu batavuga rumwe nawo babasanze muhira, inzego z’umutekano zifadukanije n’imbonerakure bahejeje kubica bagaca bagenda babahamvye abo batishe bakabatwara imiryango yabo ntisubire kubabona.

Ku munsi wa atatu igenekerezo rya 15 ndamukiza 2020 abapolisi n’ imbonerakure bagiye muri komine Matana iri mu Ntara ya #Bururi, bica uwitwa Pascal Ninganza batazira Kaburimbo, n’abakozi biwe 2, uwo nawe akaba yaramaze imisi aronderwa n’umugambwe CNDDFDD ; umukuru w’inama nshingamateka Reveriyano Ndikuriyo awuturukamwo akaba yaheruka kwemera amafaranaga imiriyoni zitanu(5000000FBu) « umuntu azozana Kaburumbo yapfuye canke ari muzima ». Baciye bagenda batwaye n’ababanyi b’uwo Kaburimbo harimwo n’umuganga w’amanyo yitwa Thomas Ndikumana azwi cane kuva kera inyuma yaho urugo rwiwe narwone rwari rwaraye rucungerewe n’abapolisi.

Nta misi yariheze kandi abapolisi bagiye muri Komine Mugamba iri muntara ya Bururi ku mutumba wa Gakaranka zone Kivumu bakica uwitwa Ndikuriyo Albert bagaca basiga bamuhamvye bagatwara nahone abatari bake. Ivyo vyose bikaba umukuru w’akarere k’igipolisi OPC1 Thaddée Birutegusa abizi.
Kwigenekerezo rya 14 ndamukiza naho havugwa abapolisi n’imbonerakure binjiye mw’ikambi y’abateshwejwe izabo muri komine Ruhororo iri mu ntara ya Ngozi barabirukana ngo basubire iyo bahunze bava, abo nabo bakaba bacitse kwicumu mu magume yakurikiye urupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye (1993-2003) aho reta yarihanganye n’imihari y’abagwanyi harimwo CNDD wahavuye uba umugambwe CNDDFDD ubu ukaba uri kubutegetsi.

Umuhisi Kaburimbo yicanywe n’abakozi bibwe babiri

Abatari bake bakaba bagereranya ivyo reta ya CNDDFDD iriko irakora nko guhora ivyo reta ya Micombero yakoze 1972 bavugako nimba atari ihonyabwoko riza ryatanguye gukorwa ko iyo reta yoba yagarukanye igihano co gupfa bafatiyeko abicwa ari abatutsi hamwe n’abahutu batavuga rumwe n’iyo reta kandi bigakorwa n’inzego za reta.

OPC1 Thaddée Birutegusa, arongoye akarere ko mu bumnuko mu gipolisi c’uburundi(PNB)