Uko inama y’abepisikopi katolika bo mu Burundi babona ivyavuye mumatora.

Mw’itangazo inama y’abepisikopi katolika bo mu Burundi bashize ahabona kuvyerekeye amatora yabaye kw’igenekerezo rya 20/5/2020 baribaza nimba ibiharuro vyayavuyemwo bitazohava biba ivyocirirwa urubanza.

Tubamenyesheko ivyavuye mumatora 3 vyose bimaze gushirwa ahabona n’umugwi CENI, kumagenekerezo ya 25-26/5/2020. Umugambwe CNDDFDD ukaba ariwo wasomwe nk’uwatsinze amatora, umugambwe CNL nawo wavugako ariwo watsinze bikavugwako aho bukera uzokwitura ubutungane, aho ibirego bishobora kuzoshikirizwa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ejo kw’igenekerezo rya 28/5/2020.