Burundi : MFP, akarima ka Dr Nyandwi Ramadhan ayirongoye

Hari amakuru dukura muri Mutuelle de la Fonction publique(MFP) avugako umuyobozi mukuru wiryo shirahamwe  yizigiwe n’umukuru w’igihugu agaca azana intwaro y’umukazo no kutumvikana n’abakozi yahasanze. Bivugwako naho aja mw’ikonje atwara imodoka z’akazi  zitatu zose mugihe abakozi babura ingene biyunguruza mukazi ka misi yose akongera akabagaya.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru itara Burundi abivuga, Dr Nyandwi Ramadhan kuva agenwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mumabanga yo kurongora ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba reta atigeze yerekwa ikintu co kwubaha abakozi yahasanze ahubwo acudika n’umunyabigega wenyene mugukoresha amafaranga yisirahamwe nabi.

Afise imodoka zitatu zimufasha mubikorwa vyo kwiyunguruza n’umuryango wiwe akaba afise JEEP PRADO, HILUX NA VIGO nziza ziyubashe akazikoresha mugutwara abana kwishure no kuja gusuma, eka nubu ari mwikonje akaba yazitwaye zose mugihe asanzwe aziko hari ubukene bw’imodoka z’akazi.

Yagirizwa n’abakozi bakorana ko atabubaha ndetse n’abari murwego rwiwe akaba ashobora kubatukira imbere y’abakozi batobato.

Ivyo gusesagura ubutunzi bw’ishirahamwe vyo bavugako Amina KASHINDI ajejwe ikigega ariwe mujenama wiwe wenyene amenya ivyo barimwo.
Uwo muyobozi mukuru yafashe imoto zitari munsi ya zitanu arazihagarika none zikaba ziri mugupfira kukazi kandi ziba zikenewe mukazi.
Hari vyinshi uwo muyobozi Dr Nyandwi Ramadhan atagisha inama bagenziwe kandi vyari kuba kuneza y’ishirahamwe nk’uko amasoko yacu abandanya abivuga, ndetse bakavugako ahembwa amafaranga menshi ugereranije n’ayabakozi basanzwe ariko ntibumve igituma yaje akuraho uburusho bwose abakozi bahora baronka ivyo bikagira ingarukambi kukazi ka misi yose bakora batumvikana.
Basaba abajejwe kugendura ibikorwa vya reta kurabira hafi ivyo uwo muyobizi ariko arakora amazi atararenga inkombe.