Burundi : Sentare nkuru ya Ntahangwa yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu.

Inyuma yo kwunguruza urubanza baciriwe, abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu sentare nkuru ya Ntahangwa yabafatiye  ingingo yo kugumizwa mw’ibohero kur’uyu wa gatanu ingenekerezo rya 5 ruheshi 2020.

Mugihe sentare yari yabaciriye urubanza rwo gupfungwa imyaka  ibiri n’igice n’ihadabu ry’amafaranga umuriyoni kuri umwumwe kur’uyu wa 5 ruhenshi 2020 sentare nkuru ya Ntahangwa yakomeje urubanza rwambere inyuma y’ukwezi ruroye mu mwiherero.

Ikinyamakuru Iwacu bakorera kikaba kimenyesha ko kigiye kwunguruza urwo rubanza muri sentare ntahinyuzwa 

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru nayo nka UBJ, CPJ akaba yiyamirije iyo ngingo avugako abamenyeshamakuru bapfunzwe bazira umwuga wabo.

Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi bakaba bari bafatiwe i Bubanza kw’igenekerezo rya 22 gitugutu bagiye kurondera amakuru yavugwa y’umugwi wari wateye uburundi baca bajanwa mugasho ibikoresho n’imodoka barimwo birafatwa