Burundi: Uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL.

Kuva kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 ruheshi 2020, hiriwe uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL ku mutumba Kiyange, komine Makebuko, intara ya Gitega aho umukuru w’uwo mugambwe ngaho yafashwe agapfungwa.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi ava i Makebuko abivuga, Lambert, umukuru w’umugambwe CNDDFDD aho i Kiyange yavyutse afata umukuru b’umugambwe CNL ngaho yitwa Ildephone amujana mugasho aho bivugwako yoba yajanywe gupfungitwa ahitwa i Mako.

Tukabamenyeshako abanywanyi barenga 300 bapfunzwe mugihe c’imyiyamamazo n’umusi w’amatora ariko mur’iyi minsi bakaba bariko barapfungurwa. Ivyo kubafata bikaba bisubiriye mugihe hasigaye amatora y’abakenguzamateka n’ay’abakuru b’i mitumba kugira amatora ya 2020 yose ahere twinjire mukiringo kizotwara na Gen Mjr Évariste Ndayishimiye guhera kuwa 20 myandagaro 2020.