Burundi: Ingwara n’inzara mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi.

Hambavu y’ubukene bw’imfungurwa, hadutse ingwara itaramenyekana mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi aho abantu batatu bamaze gupfa abandi cumi baka abaremvye gushika kur’uyu wa 7 ruheshi 2020.

Nk’uko amakuru dukura kubegereye ibohero rikuru ry’i Ngozi mu buraruko bw’igihugu, mur’iyi misi hadutse ingwara itaramenyekana ikaba imaze guhitana abapfungwa batatu abandi 10 bakaba baremvye aho bagwariye mwivuriro ryaho mw’ibohero(infirmerie).

Haravugwa kandi ubukene bw’imfungurwa buvuyeko abahora bazana impfungurwa batanguye gutinya ko bashobora kutazokwishurwa amafaranga yabo. Ngo boba bafise ubwoba ko abategetsi bari babahaye amasoko yo kujana ibifungurwa mumabohero bashobora kuzohindurwa kubera reta igira iheze ikiringo cayo; Ivyo ngo bigashobora gatuma batishurwa amafaranga. Ubwo bukene bukunyurwa n’uko ubuyobozi bw’amabohero mugihugu bwarabujije abagemurira abapfungwa mu ntumbero yo kwirinda ikiza c’ingwara ya COVID19, abahora bagemurirwa n’imiryango yabo kubera Ingwara zitandukanye bakaba bari mungorane.

Tubamenyesheko co kimwe n’ayandi mabohero yandi yo mugihugu ibitigiri c’abanyororo biri hejuru y’ivyari vyarategekanijwe. Abanyororo bakaba basaba reta kwihuta gupima aho bagwayi kugira barabeko kitoba ari ikiza ca COVID19 cabinjiriranye narirya mur’abo bagwayi harimwo abakorora, bakongera bagasaba reta ko yopfungura abahejeje iminyororo yabo hamwe n’abahawe ikigongwe c’umukuru w’igihugu kugira igitigiri kibe gito.