Burundi : Bamaze imisi bapfungwa none batanguye kwicwa.

Indwi iraheza atamukuru w’igihugu atwara uburundi inyuma y’urupfu rwa Petero Nkurunziza kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2020. Abantu bamaze imisi bafatwa bagapfungwa ngo ntibababajwe n’urupfu rwiwe mbere no kwicwa bikaba vyatanguye.

Umuntu wambere yapfuye bikavugwa ko ari umwe mubari bajejwe gucungera inzego yarasiwe kukirimba c’umukuru w’igihugu i Ngozi mw’ijoro Petero Nkurunziza yapfiriyemwo bikaba akamizwe n’ingoma.

Mur’iri joro ry’uwa 14 ruheshi 2020 ku Musenyi komine Mpanda intara ya Bubanza, igihe c’isaha zitatu z’ijoro umupolisi yarashe umunyagihugu amuzizako yasanze bariko bavuza iradiyo kandi uburundi buri mukigandaro.

Ifoto y’umuhisi

Mu gihe umupolisi yinjira mukabare ahantu bita mu gihimbiri yasanze abantu bariko baranywa inzoga bongera bumviriza umuziki ategekako iradiyo yugarwa nabo babanza kwanka, umuhungu adandaza inzoga mur’ako kabare niko gukura mw’iradiyo flashe disike yariko indirimbo, umupolisi aca arayimwaka nawe aranka. Umupolisi yaciye amurasa guhera kumaguru gushitsa ku mutwe nk’uko amakuru yashikiriye ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.

Kur’uyu wa kane uheze mu ntara ya Cibitoke hari abapfunzwe bazira ko bataririye umukuru w’igihugu nk’uko bivugwa n’ishirahamwe FORSC n’ubu bakaba bagipfunzwe.

Mu ntara ya Cankuzo ku mutumba Humure ntamisi iheze uwitwa Gabriel Ruvuma be n’umugore yitwa Évelyne bafashwe bakajanwa gupfungwa bazirako batababajwe n’urupfu rwa Petero Nkurunziza.

Tubibutseko kiretse ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yavuzeko Gen Maj Évariste Ndayishimiye azorahirira kurongora uburundi vuba hashoboka, igihugu camaze imisi 7 y’ikigandaro kitagira uwukirongoye kandi iyo sentare ikaba itavuze uwoba ararongora uburundi mukurindira iryo sango itavuze.

Abarundi benshi bagumye mu bwoba kubera imyigisho z’amacakubiri y’amoko ziguma zikwiragira hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bibandanya vyimonogoje atamukuru w’igihugu ahari wo kwamama canke akazobazwa ibiriko biraba mur’iyi misi yo kurindira irahira ry’umukuru w’igihugu.