Burundi : Abandi bamenyeshamakuru 3 b’ikinyamakuru iwacu bafashwe.

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 9 mukakaro 2020, abamenyeshamakuru batatu n’ikinyamakuru iwacu bafatiwe kukibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura baca bapfungirwayo bagirizwa kuharondera amakuru ataruhusha bafise.

Bivugwako abo bamenyeshamakuru bariko bavugisha uwuri muri syndicat y’abakozi b’ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye c’i Bujumbura baca bafatwa bagirizwa kuharondera amakuru ataruhusha bafise. Ivyatangaje abantu n’uko abamenyeshamakuru batarinda gusaba uruhusha mukuvugishiriza abantu kukibuga c’indege kuva kera. Amakenga akaba ari menshi kubakozi baho ko hari ivy’abarongoye ico kibuga c’indege bashaka kunyegeza.

Abamenyeshamakuru Chimène Manirakiza, Alain Majesté Barenga na Fabrice Nzohabonayo yariko afata amasanamu bakaba biriwe bapfungiwe mugasho kamwe ko kukibuga c’indege.
Tubibutseko abandi bamenyeshamakuru bane b’ico kinyamakuru nyene bamaze amezi icenda bapfungiwe i Bubanza aho bafashwe bagiye gutohoza amakuru y’umugwi w’abagwanyi wari wateye mur’iyo ntara.