« Agateka ka zina muntu kabandanya gahungabana mu Burundi » Doudou Diène

Ikibazo c’agateka ka zina muntu mu Burundi caravuzwe munama igira 44 y’umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu(HRC44) k’uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 mukakaro 2020 i Jeneve mubuswise.
Kubwa Doudou Diene arongoye umurwi ukora amatohoza mpuzamakungu ku Burundi kumabi akoregwa abarundi kuva 2015 amenyeshakako amatora mu Burundi ya 2020 ariko arangwa n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, akavugako ubutungane bwabaye igikoresho umugambwe CNDDFDD ukoresha kugira uhashe abo batavuga rumwe nka CNL. Avugako abamenyeshamakuru babujijwe gukorera mumwidegemvyo bashirwa murunani rw’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru bivuga ivyo ubutegetsi bushaka na cane cane kubijanye n’amatora. Kubwa Doudou Diène abonako atacahinditse ku mabi yakorwa na reta ya Petero Nkurunziza agereranije na reta ihari ubu ariko agashimako kubijanye n’amagara y’abantu imvugo ngo: « Uburundi ni igihugu gikingiwe n’Imana » yahavuye reta ikaba yatanguye kuvira hasi ikiza ca COVID19. Asaba abafasha uburundi kwitonda bagatohoza neza ko imfashanyo batanga zishikira abanyagihugu ntibazohave basanga bariko bafasha guhungabanya agateka ka zina muntu.
Uwaserukiye reta y’u Burundi mur’iyo nama amasaderi w’uburindi muri ONU Tabu Abdala ariyamiriza uwo murwi washizweho n’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu uriko ukora amatohoza ku Burundi avugako ukorera mugifuri kunyungu z’abagwanya reta kandi atumva ukuntu wongewe ikiringo co gukora.
Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu nka yari yaserukiwe mur’iyo nama nka DefendDefenders asaba reta ya Evariste Ndayishimiye kurekura abaharanira agateka ka zina muntu be n’abamenyeshamakuru bapfunzwe bazira umwuga wabo ntibabandanye amabi yakozwe na reta yahahora.
Uwo murwi ukaba waremerewe imfashanyo zihagije n’abasanzwe bawufasha kugira ubandanye amatohoza y’amabi akorwa mu Burundi.
Tubamenyesheko uwo murwi urongowe na Doudou Diène wankiwe kwinjira mu Burundi ukaba ukoresha uburyo gushika ubu butoroshe kumenya kugira wegeranye amakuru ashobora kuzofasha kubazoba bakeneye ukuri ku mabi akorerwa abarundi akozwe na reta canke iyindi mirwi.