Burundi: Agateka ko kumemenyesha amakuru kabandanya gahonyangwa atacamira

Ikiganiro c’ikibiriraho cariko kiremenshwa ku maradiyo Insanganiro, Rema FM n’ikinyamakuru iwacu kumfashanyo y’ishirahmwe la bénévolecia carahagaritswe n’abapolisi ku musi wa kabiri igenekerezo rya 25 Nyakanga 2018.

Igihe c’umuhingamo niho haza kuri radio isanganiro ahariko habera ico kiganiro, imodoka ziza ziravuza ugwamo nk’izije gutabara, abo barikumwe na Therance Ntahiraja  yaserukiye reta mur’ico kiganiro babonye asohoka avugana n’abo bapolisi mu nyuma aca arinjira atora ibikoresho vyose yar’afise arasohoka, asiga atavuze nakimwe ikiganiro kiba kirahagaze.

Ico kiganiro cari cerekeye itegurwa ry’ibiganiro ku ncuro yavyo ya gatanu bizobera i Arusha muri Tanzaniya mu kwezi kuza atagihindutse. Kikaba cari catumiwemwo Léonce Ngendakumana, icegera c’umukuru wa FRODEBU, Therance Ntahiraja, umwunganizi w’umushikiranjanji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu hamwe n’umuhinga mubijanye no gutatura amatati bidaciye mu ngimba.

Tubamenyesheko hambavu yiryo burabuzwa y’amaradiyo urwego rwo gucungera ibimenyeshamakuru CNC rwaheruka kwandikirwa amakete yo kugabisha ibinyamalkuru Itara Burundi na groupe de presse Iwacu kumakuru banditse.