Burundi: “Ibiro vy’intara ntibishobora gukikuzwa n’imisaka hamwe n’ibisanze”. Vyubatswe n’abanyagihugu

N’ubwo ibiro vy’intara ya Rumonge vyubatswe ku ntererano y’abanyagihugu imyaka irenga itatu  bikitwa n’uwahoze ari buramatari waho Juvénal Bigirimana ngo « Symbole de la résistence contre la colonization », abavyegereye bahawe amezi atarenga atandatu kugira babe bubatse inzu zigezweho.
Nk’uko tubisoma kur’ubuga rwa radio isanganiro

Tubamenyesheko guhera mukwezi kwa kabiri 2019 abigisha bariko basabwa guterara kugira hubakwe ivyo biro vya buramatari ubu bikaba bigeze kumusozo inyuma yo gutangura kwubakwa mukwa muri 2020 inyuma y’igihe kirekire biri mumigambi, bikaba vyagiye birubakwa muntererano y’aba iy’amaboko canke y’amafaranga n’abanyagihugu.