Burundi : « Nti turi impunzi, turi amanyagihugu bo kw’isi yose, …..ntitwahunze twaje kurahura ubwenge .» Maragarita Barankitse.

Mu kiganiro, umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze Maison Shalom yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 mukakaro 2019 mu nyubakwa za Maison Shalom iri mu gihugu c’urwanda yamenyeshejeko iryo shirahamwe mu kwezi kw’icenda 2019 rizohimbaza imyaka 25 rimaze rikora; avuga ivyo ryaranguye n’ivyo rigiye kurangura.

Amajwi y’umupfasoni Maragarita Barankitse

Uyo mupfasoni yamenyeshejeko kuva igenekerezo rya 5 gushika igenekerezo rya 7/9/2019 azohimbaza yubire y’imyaka 25 iheze ico kigo maison chalom gitanguye gukora.

Mugihe hari abonkwibaza igituma Maison Shalom yahisemwo kugira ibirori kandi bari mu buhungiro, yavuze ati : « Ntituri impunzi ahubwo turi abanyagihugu bo kw’isi yose » yongerako ati:  » ntitwahunze ahubwo twaje gukarisha ubwenge ».

Mubibazo yabajijwe n’abamenyeshamakuru kuvyerekeye urutonde gwakozwe na leta y’Uburundi gwo gufata ubutunzi bwa Maragarita , yavuzeko reta y’uburundi naho yamushize kurutonde rw’abanyagwa utwabo wewe atariko abibona kuko ubutunzi Maison Shalom yarifise bwari ubw’abanyagihugu.

Abajijwe kukibazo c’ubwo ubutunzi bwa Maison Shalom uko bwangana, atanga akarorero k’ibitaro vyari mu Ruyigi vyari vyubatswe kumiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi (3 000 000 000FBu) bikaba vyarimwo ibikoresho vyo kubaga biciye amadorari y’abanyamerika angana umuriyoni(1 000 000 USD). Aho ngo ntiyashizemwo isandugu ryo kuziganya, amashure , n’ibindi yakorera abanyagihugu…. Akavugako abanyagihugu aribo bari bakwiye guhaguruka bakitwara kuko abonako aribo banyanzwe.

Umupfasoni Maragarita Barankitse yavuzeko Maison Shalom atari ONG mpuzamakungu nk’uko abantu benshi bavyibaza, yamenyeshejeko ari ubutumwa, ubutumwa bw’amahoro kandi amahoro yama atsinda imisi yose.

Murico kiganiro hashikirijwe ivyo Maison Shalom imaze gufasha abarundi n’abanyarwanda aho mbere hari n’umugambi w’ivuriro vyofasha impunzi kwivuza utarashoboka kubera usaba amafaranga menshi hamwe n’ibindi vyishi mushobora kwisomera .