Brandon Bisanzagi, agendana ubumuga ntashobora kubandanya amashure kw’isi y’u Burundi

Inyuma y’imyaka itatu Brandon Bisanzagi umwana w’umuhungu yavukanye ubumuga kw’igenekerezo rya 13/2/1999 akorewe ibitangaza n’Imana akamuguruka bukebuke, amategeko ariho ubu ntamwemerera kubandanya amashure ari kw’isi y’uburundi.
Mugihe Brandon Bisanzagi yariko aritegurira gukora ikibazo co kurangiza ishure nshingiro kw’ishure source du Savoir mu Carama, mu gisagara ca Bujumbura, Janvière Ndirahisha, umushikiranganji w’indero aherutse gusaba ubuyobozi bw’iryo shure ko uwo mwana yofutwa kandi ko atazosubira kuronka ishure mu Burundi kuko atamunyeshure arekuriwe kwiga imyaka itatu ishure rimwe(Triplement).
Brandon Bisanzagi ni umusore afise ukwizera kudasanzwe, yaremeye ariga mumashure hamwe n’abakomeye naho vyari bigoraye cane kubera ubumuga yavukanye, ageze mu mwaka w’umunani kwishure indépendante aradubura ariko kubera iyo ngorane ntiyashobora kumenya, niko kurondera ishure mu Carama hafi y’iwabo aha vyoroha ko agira isubiramwo hamwe n’abandi bigana ataruhagara afise gurtyo aba yize umwaka ugira gatatu mu mwaka w’umunani hayuma abona kwunguruzwa aho ubu yarageze mu mwaka w’icenda.
Hagati aho, kw’igenekerezo rya 31/5/2019 niho yakorerwa igitanza n’Imana arasengerwa n’abakozi b’Imana bo mw’ishengero El-Shadaï bari baje kw’ishure iwabo, amabekiye yagirako arayashira hasi, umunezero uba ikirenga kuri we, kurunganwe, muryango, incuti n’abagenzi, nk’uko mwovyirabira kurubuga rwa facebook rw’iryo shengero mubona inzira ngaha: http://bit.ly/2IhELWw
Ico gihe Brandon yabona ubuzima bwiwe bugiye kuba nk’ubwabandi bose akazoshobora kwiga amashure akayarangiza akazokoresha diplome kuko ivy’inguvu yabona ko atavyo yoshobora.
Umunezero wa Brandon Bisanzagi ntiwaramvye, inyuma y’imyaka itatu gusa niko gufatirwa izo ngingo twababwiye, amarira n’agahinda akaba arivyo birangwa mu muryango wiwe ndetse no mubantu bamenye iyo nkuru y’umubabaro.
Bivugwa ko Brandon atadubura kubera ubwenge buke ahubwo ko yaragerageza umuntu agereranije n’ubumuga agendana. Aho abandi bana bakomeye barashobora kuja mu mihana canke mu mashure bakigira hamwe wewe kugira yurire mumodokari kwari ukwandaza akagenda na Bekiye ntivyakundako yirukanga nk’abandi ari nayo mpamvu yatuma ananirwa ahanini.
Mugihe abavyeyi biwe ataburyo bafise bwo kumuronderera ishure mubindi bihungu, basaba abagiraneza bokwumvira impuhwe Brandon ko bomuronderera ahantu yiga akazogira ubuzima bwiza nk’abandi, kubwiwe agiye kubura kazoza kuko yopfumye yiga no gutwara imodokari ariko kubera ataragororoka umugongo, inyuma y’imyaka itatu gusa yize gutambuka, akigenda afashe kumavi afise ubwobako, ntavyo yoshora.
Abegereye Brandon bakaba babonako naho amategeko aremereye nk’amabuye hari hakwiye ingingo zorohereza zigakingira abagira ingorane zituma biga gatatu mu mwaka bitabavuyeko nk’uko bavuga mururimi rw’ikinyamazuru ngo “Pas de règles sans exceptions”.
http://bit.ly/2IgvQEJ