#Burundi : COSSESONA, yoba yabaye reta muyindi?

Mugihe umugwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH waheruka kuvuga aho uhagaze kukibazo c’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA n’abigisha bidogako ruriko rubinjiza ku nguvu, urwo runani rwongereje inguvu zo kwinjiza abanywanyi ku nguvu mur’ino misi mu gihugu cose.

Hari amajwi ariko araca kurubuga rwa whatsapp bivugwako ari ay’uwujejwe indero muntara ya Makamba yatanze itegeko ryo kwandika urutonde rw’abayobozi b’indero n’abahanuzi mumakomine yose agize iyo ntara kurutonde rw’abasaba kwinjira muri COSSESONA bitarenze kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 29/01/2020. Abandi bakavugako mukwandika abasaba kwinjira muri COSSESONA bandika n’abanse kwinjira urugero bariko. ( ishure kanaka 9/10, irindi 7/9….).

Ivyo bikaba biriko biba mugihe CNIDH yamenyeshejeko umuntu yinjira muri syndika kugushaka kwiwe inasaba COSSESONA ko yoreka kwinjiza abanywanyi ku nguvu.

Tubamenyesheko sendika ari abantu baja hamwe kugira baharanire uburenganzira bwabo nk’uko tubikura kurubuga Wikipedia. Abigisha twavuganye babonako baravye inyungu Victor Ndabaniwe, umuhanuzi mubiro vy’umukoresha w’abigisha, abayobozi baserukira umukoresha, bari bakwiye kugira sendika yabo y’abakoresha hanyuma amasendika y’abigisha aharanira inyungu z’abigisha bakayarekera umwidegemvyo ngo nayo ari urunani rw’amasendika bumva abanywanyi batojamwo kabiri ngo batange intererano habiri. Bikabatera amakenga ukuntu biriko bikorwa uko atacamira mugihugu kirimwo demokrasi.

Abatari bake babona ko COSSESONA ari reta muyindi kubera yanse gukurikiza ivyasabwe n’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu washinzwe na reta ngo bikerekanako COSSESONA ariyirondera inyungu z’akagwi k’abantu bakingiwe.