Burundi : Abashoferi b’amakamyo atwara imizigo iva Tanzaniya bagomba bahagarike akazi.

Inyuma yaho reta y’igihugu ca Tanzaniya itangarije mumpera z’ukwezi kwa gatatu 2020 ko hari umushoferi yafata ingendo zo mu Burundi, RDC na Tanzaniya yanduye ikiza ca COVID19, abashoferi b’amakamyo atwara imizigo iva Tanzaniya aza mu Burundi bamenyeshako reta y’uburundi idahagaritse ihohoterwa bakorerwa ko bagiye guhagarika akazi.

Abo bashofere bamenyashako kuva kumupaka w’uburundi gushika aho bapakururira imizigo bibatwara imisi itanu, nahone kugira bahashike ukamengo ni igihugu kiri muntambara, bakagenda barahagarikwa, bakwa amafaranga inzira yose, bagenda baribwa imizigo yabo aho ngo haza n’abafise inkoho, baciribwa umukenke rimwe na rimwe (quarantaine) mubuzima bubi, bakababazwa n’uko kuva Dar-es-salaam gushika kumupaka ari ibirometero amajana n’amajana ariko hakaborohera kurusha mu Burundi ari urugendo rw’amasaha makeya cane arihamwe boroherejwe.

Bakamenyeshako kugira umushoferi aronke ico afungura bimugora kubera mu Burundi bagirizwa kwinjiza CORONAVIRUS kandi baba bariko bakora akazi kemewe. Bakavugako uburundi bukikujwe n’ibihugu vyose birimwo uwo mugera batumva igituma aribo bowagirizwa kandi woshobora no kuva n’ahandi.

Kubera ivyo bamenyeshako niyo reta y’uburundi itisubirako ngo ihagarike ihohoyerwa bakorerwa kumabarabara no gupakurura imizigo bagiye kubika amakamyo yabo hanyuma basubire muhira iwabo.

Amakuru dukura mu gipolisi c’uburundi ntahakana ivyo kwakwa igiturire ku mabarabara amanyeshako : » Ibarabara niyo somaliya yacu » uko bavuga. Bikavugwako umupolisi kitabujijwe ko arya igiturire ahubwo ko ikibujijwe ko ari ukukirya ntaheko umushefu wiwe, uwo nawe agaha uwumukurira gurtyo gurtyo.

Mugihe uburundi bwoguma bwitwara nabi mukutubahiriza amasezerano agenga akarere ka Africa y’ubuseruko, bushobora gukurwa muri uwo muryango. Eka na SADC bwariko busaba kwinjiramwo nahore bugashobora kutazokwemererwa kuko butoba bwemeye gukora nk’ibindi bihugu mu kworohereza urudandazwa.