Burundi : Abigisha barenga 5000 barasaba amafaranga yabo baziganirije uburaro.

Hari abigisha bariko basaba kuva mukigega co gutegekaniriza uburaro abigisha kuhera mu kwezi kwa kigarama 2019 ubu bikavugwako barenga 5000. Gusubizwa amafaranga baziganije mur’ico kigega bikaba vyabaye akananira bahinga aho Victor Ndabaniwe arongoye ico kigega yaciye ashira inguvu mukubacanishamwo aho kubatunganiriza.
Kuva mumwaka wa 2008 harashinzwe ikigega co gutegekaniriza uburaro abigisha citwa FLE(La Fondation pour le Logement des Enseigants), umwigisha bamusaba kuziganya amafaranga 6000F kukwezi agabuwe uku gukurikira : 5000F yashirwa mukigenga FLE hanyuma 1000F asigaye agafasha mugutunganya ibikorwa vya minsi yose vy’ico kigaga. Bagiye barinjira umwe wese aho yumviye agatahura umugambi gushika n’ubu ico kigega kikabandanya cinjiza abandi basaba kukivamwo. Bacinjira bakaba bababwirako ari ukuziganiriza abigisha bagashobora gusaba amafaranga yabo inyuma y’imyaka nk’itanu, itandatu,… hariko amafaranga angana n’ibice bitatu kw’ijana (3%) y’inyungu, uko umwigisha wese ashatse kwubaka inzu ndetse bakanaronswa n’ingurane yobafasha kwubaka. Bikavugwako na bakeya bamaze gusubizwa amafaranga yabo basanze haburamwo mafaranga y’umwaka wose icibagiweco ni inyungu bari bemerewe, ntayo nahabwa n’abamaze imyaka irega cumu batanga intererano.
Mumwaka wa 2017 abanywanyi b’ico kigega FLE baciye bazana iciyumviro ko umwigisha yokatwa amafaranga kumushahara kukwezi kukwezi yo kuziganya agwijwe kabiri(akava kuri 6000 akaja kuri 12000F ) abigisha nabo baravyanka niko guca batangura kwicurako bariko baribwa amafaranga. Mukwezi kwa kigarama 2019 abigisha baciye bandika amakete yo kuva FLE bamaze kubonako harimwo amanyanga, ivya ka mwana wamama n’ibiturire mugutanga ingurane
Gushika m’ur’uyu mwaka wa 2020 abigisha barenga 8000 kubigisha barenga 80 000 boba bamaze kwinjira muri FLE harimwo abariko baravamwo kubera ico bari barabwiweko bazoronswa ingurane zo kwubaka basanze atakuri kurimwo nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.
Victor Ndabaniwe asanzwe arongoye ico kugega co gutegekaniriza uburaro abigisha, FLE aho gusubiza amafaranga abari basavye kuva mur’ur’ico kugega yoba yaciye afata intumbero yo kubacamwo abanje kubagabura mumirwi irega 5, agatangura gusubiza bake bake abandi ababwirako icihutirwa ari gutanga ingurane kubanywanyi bagumyemwo. Ivyo abo bigisha bafata nk’agasuzuguro kubera amafaranga ari ayabo baziganirije kumasezerano bari bagiriraniye. Bakidoga bavugako Victor Ndabaniwe ajuragiza abigisha bariko basaba amafaranga yabo aho aguma ahindagura abajejwe ikigega ca FLE, uwo basanze mubiro ejo atariwe basangayo hakaba n’ababwirwako amafaranga yabo yasohotse kandi atarivyo abandi bakabwirwako atamanumero ya konte batanze mugihe ayo mafaranga yabo yakatwa kumakonte aho naho badatahanye ibitutsi. Bakavugako barambiwe no kuguma biruka inyuma ya Victor Ndabaniwe nawe abinyegeza kandi bafise ico bakora banakeneye amafaranga yabo bagasaba abajwejwe indero n’ikigega ca reta kubafasha gukomoza amafaranga yabo bitaruko bakazosaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko yobibafashamwo.
Tubibutseko Victor Ndabaniwe arongoye ico kigega FLE asanzwe arongoye sendika y’abigisha yitwa SYNATEF, akarongora urunani rw’amasendika rwitwa COSSESSONA(urunano rurimwo amasindika 6, icegera ciwe akaba Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES), akaba arasanzwe ari umuhanuzi mubiro vy’ubushikiranganji bw’indero. Mukwezi kwambere 2020 umurwi wigenga uharanira akayeka ka zina muntu, CNIDH ukaba wasutsemwo mabisi Victor Ndabaniwe ariko afatanya ibikorwa vya FLE n’ivya COSSESSONA yongera ashaka gutoza amafaranga 500 kukwezi kukwezi kubigisha barenga 800000.

Twagerageje kurondera Emmanuel Mashandari asanzwe ari murwego nshingwantwaro rwa FLE, Victor Ndabaniwe arongoye FLE n’umunyabigega wabo tukaba tutashoboye kubaronka ngo batange umuco kur’iyo dosiye.