Burundi : Amakuru yihuta : Urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye rwafashe iyindi ntumbero.

Nk’uko amakuru adushikiriye kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 19/12/2019, urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melhior Ndadaye buca rusasa mu ntara ya Gitega ejo kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2019 ahapfungiwe abagirizwa urwo rupfu.

Amajwi yahinduwe

Nkuko amajwi musanga kurubuga rwacu muyumva, urwo rubanza rwoba rugira rukoreshwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza mukwerekana ko ataco butinya ko bwaciye urubanza ruhambaye mugihe amasezerano ya Arusha yavugako imanza nk’izo zizocibwa na Sentare idasanzwe yerekeye uburundi(Tribunal Spécial sur le Burundi) iyo nayo ikaba itarajaho.

Bikavugwako iyo sentare ariyo yociye urwo rubanza hamwe  n’izindi z’abakoze amabi mu ntambara yakurukiye urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yagandaguwe kw’igenekerezo rya 21/10/1993 nk’abaturiye abana bo mu Kibimba, abishe abantu i Bugendana, i Teza, i Buta, i Bubanza, abategera abantu ku mabarabara bakabica n’ibindi n’ibindi

Ababona ibintu n’ibindi bakabona ko kwoba ari ukurondera kugarukana ubwizigirwa bwa CNDDFDD mu bwoko bumwe ngo bikunde bazoronke amajwi mumatora ya 2020 hama ubutunzi bw’abahunze bigeze kuba abategetsi bunyarwe urukombamazi.