Burundi: Amatati hagati ya Évariste Ndayishimiye n’abakozi atanguye kare.

Amasendika n’inani z’amasendika zikorera mu Burundi zarasohoye itangazo kw’igenekerezo rya 24/4/2020 ziyamiriza imvugo z’abanyepolitike bashikiriza amajambo atumbereye gusambura amasendika aharanira inyungu z’abakozi.

Mur’iryo tangazo abaserukira abakozi bamenyeshako uburenganzira bwo kugira amasendika hamwe no kugira imyiyerekano babuhabwa n’amategeko y’uburundi ndetse na mpuzamakungu rero ko badatahura ingene abanyepolitike biha gucafuza no kugomba gucanishamwo abarongoye amasendika n’abakozi mugihe boshize imbere kwubahiriza amategeko n’ineza y’abakozi.

Bakabonako hari abajejwe intwaro bamaze imisi bashaka kwivanga muvy’itunganywa ry’amasendika muntumbero yo kubuza ubwigenge abakozi, ibishobora gusubiza inyuma intambwe amasendika yari yashitseko muguharanira inyugu z’abo baserukira m’uri iyi myaka.

Abo barongoye amasendika n’inani z’amasendika bakaba babishikirije inyuma yaho umukandida mukibanza c’umukuru w’igihugu w’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi, Évariste Ndayishimiye avugiye ati:

« Abarongoye amasendika babasaba kuja muma grèves kugira nabo barye intererano zanyu…Mu bisanzwe iyo abakozi bagize grève baca bahembwa mumafaranga baterereye mumasendika kuko umukozi ari muri grève adasubira guhembwa. »

Bimwe muVyo Évariste Ndayishimiye yavuze

Évariste Ndayishimiye akaba yaranifariye mugahanga ishirahamwe ryo kuziganiriza abakozi INSS ko ridafata neza abakukuruke mugihe umugambwe CNDDFDD arongoye ari nawo azoserukira mumatora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama umaze imyaka 15 ku butegetsi ariwo ubazwa ibitagenze neza vyose mur’ico kiringo.

Tubamenyesheko ivyo vyose bibaye ikiringo co kwiyamamaza kitari bwagere. Kwiyamamaza bikaba bizova kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama 2020 mu gihugu cose, igihe cose guhera isaha cumi na zibiri z’igitondo gushika cumi nazibiri z’umugoroba(6h-18h).